Numenye ibiri mw’Ijambo ry’Imana
Bibiliya irimwo ubutumwa buva ku Mana, ni ukuvuga ijambo Imana itubwira muri iki gihe. Iratwereka ukuntu twororanirwa mu buzima be n’ico twokora kugira twemerwe n’Imana. Irishura kandi ibi bibazo:
INGENE WOTORA IMIRONGO YO MURI BIBILIYA
Bibiliya igizwe n’ibitabu 66. Igabuye mu bice bibiri: Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya («Isezerano rya kera») be n’Ivyanditswe vy’ikigiriki («Isezerano rishasha»). Buri gitabu ca Bibiliya kigabuwe mu bigabane n’imirongo. Igihe hari ivyanditswe bitanzwe, igiharuro gikurikira izina ry’igitabu cerekana ikigabane, igiharuro gikurikira na co cerekana umurongo. Nk’akarorero, ahanditse ngo Itanguriro 1:1 bisigura Itanguriro ikigabane ca 1, umurongo wa 1.