Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 8

Imana yoba ari yo yobazwa ingorane zishikira abantu?

«Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha, ko Mushoboravyose yokora ikibi!»

Yobu 34:10

«Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, kandi na yo ubwayo nta we ibigerageresha.»

Yakobo 1:13

«Mugume muterera amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.»

1 Petero 5:7

«Yehova ntatevye gushitsa ivyo yasezeranye nk’uko bamwe bavyiyumvira, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.»

2 Petero 3:9