IKIBAZO CA 11
Bigenda gute iyo umuntu apfuye?
«Impwemu yiwe iramuvamwo, akisubirira mw’ivu. Uwo musi nyene ivyiyumviro vyiwe bigahera.»
«Abazima ba[ra]zi ko bazopfa, ariko abapfuye nta na kimwe bazi . . . Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge biri mu kuzimu, aho uriko uraja.»
«[Yezu] yongerako ati: “Lazaro umugenzi wacu arasinziriye, ariko ndagiyeyo kumukangura.” Mugabo Yezu yariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe, ariko bo biyumviriye ko yariko avuga itiro risanzwe. Yezu aca arabatomorera ati: “Lazaro yapfuye.”»