Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu c’Itanguriro

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Ijuru n’isi biremwa (1, 2)

    • Imisi itandatu yo gutegura isi (3-31)

      • Umusi wa 1: umuco, umurango n’ijoro (3-5)

      • Umusi wa 2: ikirere (6-8)

      • Umusi wa 3: ubutaka bwumutse n’ibiterwa (9-13)

      • Umusi wa 4: ibitangamuco vyo mu kirere (14-19)

      • Umusi wa 5: amafi n’inyoni (20-23)

      • Umusi wa 6: ibikoko n’abantu (24-31)

  • 2

    • Imana iruhuka ku musi ugira indwi (1-3)

    • Yehova Imana, Umuremyi w’ijuru n’isi (4)

    • Umugabo n’umugore mw’itongo rya Edeni (5-25)

      • Imana ibumba umuntu mu mukungugu (7)

      • Itegeko ribuza kurya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi (15-17)

      • Imana irema umugore (18-25)

  • 3

    • Ingene igicumuro catanguye (1-13)

      • Ikinyoma ca mbere (4, 5)

    • Yehova acira urubanza abagarariji (14-24)

      • Ubuhanuzi bujanye n’uruvyaro rwa wa mugore (15)

      • Birukanwa muri Edeni (23, 24)

  • 4

    • Kayini na Abeli (1-16)

    • Abakomoka kuri Kayini (17-24)

    • Seti n’umuhungu wiwe Enoshi (25, 26)

  • 5

    • Kuva kuri Adamu gushika kuri Nowa (1-32)

      • Adamu avyara abahungu n’abakobwa (4)

      • Henoki yagendana n’Imana (21-24)

  • 6

    • Abamarayika birongorera abagore bo kw’isi (1-3)

    • Abanefili bavuka (4)

    • Yehova ababazwa n’ububisha bw’abantu (5-8)

    • Nowa asabwa kwubaka ubwato (9-16)

    • Imana imenyesha ko igiye kuzana umwuzure (17-22)

  • 7

    • Binjira mu bwato (1-10)

    • Umwuzure utera kw’isi yose (11-24)

  • 8

    • Amazi y’umwuzure agabanuka (1-14)

      • Nowa arungika inuma (8-12)

    • Bava mu bwato (15-19)

    • Umuhango w’Imana ku bijanye n’isi (20-22)

  • 9

    • Ivyo Imana yasavye abantu bose kwubahiriza (1-7)

      • Itegeko rijanye n’amaraso (4-6)

    • Isezerano ry’umunywamazi (8-17)

    • Ubuhanuzi bwerekeye uruvyaro rwa Nowa (18-29)

  • 10

    • Inkomoko y’amahanga (1-32)

      • Abakomotse kuri Yafeti (2-5)

      • Abakomotse kuri Hamu (6-20)

        • Nimurodi arwanya Yehova (8-12)

      • Abakomotse kuri Shemu (21-31)

  • 11

    • Umunara w’i Babeli (1-4)

    • Yehova avurunganya ururimi rw’abantu (5-9)

    • Kuva kuri Shemu gushika kuri Aburamu (10-32)

      • Umuryango wa Tera (27)

      • Aburamu ava i Uri (31)

  • 12

    • Aburamu ava i Harani akaja i Kanani (1-9)

      • Imana iha umuhango Aburamu (7)

    • Aburamu na Sarayi mu Misiri (10-20)

  • 13

    • Aburamu agaruka i Kanani (1-4)

    • Aburamu na Loti batandukana (5-13)

    • Imana isubiriramwo Aburamu umuhango yamuhaye (14-18)

  • 14

    • Aburamu arokora Loti (1-16)

    • Melekisedeki ahezagira Aburamu (17-24)

  • 15

    • Imana igiranira isezerano na Aburamu (1-21)

      • Imana imenyesha imyaka 400 y’agatotezo (13)

      • Imana isubiriramwo Aburamu umuhango yamuhaye (18-21)

  • 16

    • Hagari na Ishimayeli (1-16)

  • 17

    • Aburahamu azoba se w’amahanga menshi (1-8)

      • Aburamu ahindurirwa izina akitwa Aburahamu (5)

    • Isezerano ry’ukugenyerwa (9-14)

    • Sarayi ahindurirwa izina akitwa Sara (15-17)

    • Imana isezerana ivuka rya Izahaki (18-27)

  • 18

    • Abamarayika batatu bagendera Aburahamu (1-8)

    • Sara asezeranirwa kuvyara umuhungu, agaca atwenga (9-15)

    • Aburahamu atakambira Imana ngo ntitikize Sodomu (16-33)

  • 19

    • Loti agenderwa n’abamarayika (1-11)

    • Loti n’umuryango wiwe basabwa guhunga (12-22)

    • Sodomu na Gomora hatikizwa (23-29)

      • Muka Loti acika inkingi y’umunyu (26)

    • Loti n’abakobwa biwe (30-38)

      • Inkomoko y’Abanyamowabu n’Abamoni (37, 38)

  • 20

    • Abimeleki asubiza Sara (1-18)

  • 21

    • Izahaki avuka (1-7)

    • Ishimayeli acokora Izahaki (8, 9)

    • Hagari na Ishimayeli birukanwa (10-21)

    • Aburahamu agiranira isezerano na Abimeleki (22-34)

  • 22

    • Aburahamu asabwa gutanga Izahaki (1-19)

      • Uruvyaro rwa Aburahamu ruzozana imihezagiro (15-18)

    • Umuryango wa Rebeka (20-24)

  • 23

    • Urupfu rwa Sara n’aho bamuhamvye (1-20)

  • 24

    • Izahaki arondererwa umugore (1-58)

    • Rebeka aja kwa Izahaki (59-67)

  • 25

    • Aburahamu asubira kurongora (1-6)

    • Urupfu rwa Aburahamu (7-11)

    • Abahungu ba Ishimayeli (12-18)

    • Yakobo na Esawu bavuka (19-26)

    • Esawu agurisha uburenganzira bwiwe bw’imfura (27-34)

  • 26

    • Izahaki na Rebeka i Gerari (1-11)

      • Imana ikura amazinda Izahaki ko izoshitsa umuhango wayo (3-5)

    • Abungere bapfa amariba y’amazi (12-25)

    • Izahaki agiranira isezerano na Abimeleki (26-33)

    • Abagore babiri ba Esawu b’Abahetikazi (34, 35)

  • 27

    • Izahaki ahezagira Yakobo (1-29)

    • Esawu arondera guhezagirwa mugabo ata kwigaya afise (30-40)

    • Esawu agirira inzigo Yakobo (41-46)

  • 28

    • Izahaki arungika Yakobo i Padani-Aramu (1-9)

    • Indoto Yakobo yarose ari i Beteli (10-22)

      • Imana ikura amazinda Yakobo ko izoshitsa umuhango wayo (13-15)

  • 29

    • Yakobo ahura na Rasheli (1-14)

    • Yakobo akunda Rasheli (15-20)

    • Yakobo arongora Leya na Rasheli (21-29)

    • Abahungu bane Yakobo yavyaranye na Leya: Rubeni, Simeyoni, Lewi na Yuda (30-35)

  • 30

    • Biluha avyara Dani na Nafutali (1-8)

    • Zilupa avyara Gadi na Asheri (9-13)

    • Leya avyara Isakari na Zabuloni (14-21)

    • Rasheli avyara Yozefu (22-24)

    • Ibitungwa vya Yakobo vyongerekana (25-43)

  • 31

    • Yakobo ahungira i Kanani mu mpisho (1-18)

    • Labani akurikira Yakobo akamushikira (19-35)

    • Yakobo agiranira isezerano na Labani (36-55)

  • 32

    • Yakobo ahura n’abamarayika (1, 2)

    • Yakobo yitegurira guhura na Esawu (3-23)

    • Yakobo anyinyurana n’umumarayika (24-32)

      • Yakobo ahindurirwa izina akitwa Isirayeli (28)

  • 33

    • Yakobo ahura na Esawu (1-16)

    • Yakobo ashika i Shekemu (17-20)

  • 34

    • Dina afatwa ku nguvu (1-12)

    • Amayeri y’abahungu ba Yakobo (13-31)

  • 35

    • Yakobo yikurako imana z’inyamahanga (1-4)

    • Yakobo agaruka i Beteli (5-15)

    • Benyamini avuka, Rasheli agaca apfa (16-20)

    • Abahungu 12 ba Isirayeli (21-26)

    • Urupfu rwa Izahaki (27-29)

  • 36

    • Abakomoka kuri Esawu (1-30)

    • Abami n’abatware ba Edomu (31-43)

  • 37

    • Indoto za Yozefu (1-11)

    • Benewabo na Yozefu bamugirira ishari (12-24)

    • Yozefu agurishwa ngo aje kuba umuja (25-36)

  • 38

    • Yuda na Tamari (1-30)

  • 39

    • Yozefu mu rugo kwa Potifari (1-6)

    • Yozefu yanka kuryamana na muka Potifari (7-20)

    • Yozefu mw’ibohero (21-23)

  • 40

    • Yozefu asobanura indoto z’abo bapfunganywe (1-19)

      • «None Imana si yo itanga insobanuro?» (8)

    • Umusi mukuru wo kwibuka ivuka rya Farawo (20-23)

  • 41

    • Yozefu asobanura indoto za Farawo (1-36)

    • Farawo ashira hejuru Yozefu (37-46a)

    • Yozefu ahagarikira igikorwa co kwegeranya no gutanga ibifungurwa (46b-57)

  • 42

    • Benewabo na Yozefu baja mu Misiri (1-4)

    • Yozefu abonana na benewabo, agaca abageza (5-25)

    • Benewabo na Yozefu basubira kwa Yakobo (26-38)

  • 43

    • Benewabo na Yozefu basubira mu Misiri bari kumwe na Benyamini (1-14)

    • Yozefu asubira kubonana na benewabo (15-23)

    • Yozefu asangira na benewabo (24-34)

  • 44

    • Igikombe ca Yozefu mw’igunira rya Benyamini (1-17)

    • Yuda atakambira Yozefu ngo abasubize Benyamini (18-34)

  • 45

    • Yozefu yimenyesha benewabo (1-15)

    • Benewabo na Yozefu baja kuzana Yakobo (16-28)

  • 46

    • Yakobo n’abo mu rugo rwiwe bimukira mu Misiri (1-7)

    • Amazina y’abimukiye mu Misiri (8-27)

    • Yozefu asanga Yakobo i Gosheni (28-34)

  • 47

    • Yakobo abonana na Farawo (1-12)

    • Yozefu ayobora igihugu neza (13-26)

    • Isirayeli aba i Gosheni (27-31)

  • 48

    • Yakobo ahezagira abahungu babiri ba Yozefu (1-12)

    • Efurayimu ahezagirwa kuruta mwenewabo (13-22)

  • 49

    • Ubuhanuzi Yakobo yashikirije agira apfe (1-28)

      • Shilo azokomoka mu muryango wa Yuda (10)

    • Yakobo abwira abahungu biwe ingene bazomuhamba (29-32)

    • Urupfu rwa Yakobo (33)

  • 50

    • Yozefu aja guhamba Yakobo i Kanani (1-14)

    • Yozefu ahumuriza benewabo ko yabahariye (15-21)

    • Imisi ya nyuma ya Yozefu n’urupfu rwiwe (22-26)

      • Yozefu abwira benewabo uko bazogenza amagufa yiwe (25)