Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu ca mbere c’Abami

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Dawidi na Abishagi (1-4)

    • Adoniya arondera kuba umwami (5-10)

    • Natani na Batisheba bagira ico bakoze (11-27)

    • Dawidi ategeka ko Salomo arobanuzwa amavuta (28-40)

    • Adoniya ahungira ku gicaniro (41-53)

  • 2

    • Dawidi abwira Salomo ivyo azokora (1-9)

    • Dawidi apfa, Salomo akimikwa (10-12)

    • Umugambi wa Adoniya umukwegera urupfu (13-25)

    • Abiyatari akurwa mu mabanga. Yowabu yicwa (26-35)

    • Shimeyi yicwa (36-46)

  • 3

    • Salomo atwara umukobwa wa Farawo (1-3)

    • Yehova abonekera Salomo mu ndoto (4-15)

      • Salomo asaba ubukerebutsi (7-9)

    • Salomo acira urubanza abagore babiri (16-28)

  • 4

    • Abakuru mu ntwaro ya Salomo (1-19)

    • Ku ngoma ya Salomo abantu bari babayeho neza (20-28)

      • Umwe wese yibera mu mutekano (25)

    • Ubukerebutsi bwa Salomo n’imigani yiwe (29-34)

  • 5

    • Umwami Hiramu atanga ibikoresho vyo kwubaka (1-12)

    • Abahamagariwe gukora ibikorwa vya Salomo (13-18)

  • 6

    • Salomo yubaka urusengero (1-38)

      • Icumba c’ahiherereye (19-22)

      • Abakerubi (23-28)

      • Amashusho, imiryango n’ikigo c’indani (29-36)

      • Urusengero rwarangiye nko mu myaka indwi (37, 38)

  • 7

    • Inyubakwa z’ikirimba ca Salomo (1-12)

    • Umuhinga Hiramu aza gukorera Salomo (13-47)

      • Za nkingi zibiri z’umujumpu (15-22)

      • Ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga (23-26)

      • Amashareti cumi n’ibibesani vy’umujumpu (27-39)

    • Barangiza gukora ibintu vy’inzahabu (48-51)

  • 8

    • Bazana isandugu mu rusengero (1-13)

    • Ivyo Salomo yabwiye abantu (14-21)

    • Isengesho rya Salomo ryo kwegurira Imana urusengero (22-53)

    • Salomo ahezagira abantu (54-61)

    • Umusi mukuru wo kwinjira urusengero n’ibimazi batanze (62-66)

  • 9

    • Yehova yongera kubonekera Salomo (1-9)

    • Ivyo Salomo yagabiye umwami Hiramu (10-14)

    • Ivyo Salomo yubatse (15-28)

  • 10

    • Umwamikazi w’i Sheba aza kuraba Salomo (1-13)

    • Ubutunzi bwinshi bwa Salomo (14-29)

  • 11

    • Abagore ba Salomo barahinduye umutima wiwe (1-13)

    • Abansi barwanya Salomo (14-25)

    • Yerobowamu yemererwa imiryango cumi (26-40)

    • Salomo apfa. Rehobowamu aba umwami (41-43)

  • 12

    • Rehobowamu yishura Abisirayeli abakarira (1-15)

    • Imiryango cumi igarariza (16-19)

    • Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli (20)

    • Imana ibuza Rehobowamu kurwanya Abisirayeli (21-24)

    • Yerobowamu atanguza ivyo gusenga inyana (25-33)

  • 13

    • Ubuhanuzi bwerekeye igicaniro c’i Beteli (1-10)

      • Ico gicaniro gisaduka (5)

    • Umuntu w’Imana agambarara (11-34)

  • 14

    • Ivyo Ahiya yavuze ko bizoshikira Yerobowamu (1-20)

    • Intwaro ya Rehobowamu mu Buyuda (21-31)

      • Igitero ca Shishaki (25, 26)

  • 15

    • Abiyamu, umwami w’Ubuyuda (1-8)

    • Asa, umwami w’Ubuyuda (9-24)

    • Nadabu, umwami wa Isirayeli (25-32)

    • Bayasha, umwami wa Isirayeli (33, 34)

  • 16

    • Urubanza Yehova yaciriye Bayasha (1-7)

    • Ela, umwami wa Isirayeli (8-14)

    • Zimuri, umwami wa Isirayeli (15-20)

    • Omuri, umwami wa Isirayeli (21-28)

    • Ahabu, umwami wa Isirayeli (29-33)

    • Hiyeli asubira kwubaka Yeriko (34)

  • 17

    • Umuhanuzi Eliya avuga ko imvura itazogwa (1)

    • Eliya agaburirwa n’ibikona (2-7)

    • Eliya aja ku mupfakazi w’i Zarefati (8-16)

    • Umwana w’uwo mupfakazi apfa agasubira kuba muzima (17-24)

  • 18

    • Eliya ahura na Obadiya be na Ahabu (1-18)

    • Eliya n’abahanuzi ba Bayali ku musozi Karumeli (19-40)

      • «Muzogeza ryari kuba ba ntahompagaze?» (21)

    • Imyaka itatu n’igice y’uruzuba irangira (41-46)

  • 19

    • Eliya ahunga kubera ishavu rya Yezebeli (1-8)

    • Yehova avugana na Eliya i Horebu (9-14)

    • Eliya asabwa kugena Hazayeli, Yehu na Elisha (15-18)

    • Elisha agenwa ngo azosubirire Eliya (19-21)

  • 20

    • Abasiriya barwana na Ahabu (1-12)

    • Ahabu atsinda Abasiriya (13-34)

    • Umuhanuzi abwira Ahabu ivyago bizomushikira (35-43)

  • 21

    • Ahabu yipfuza umurima w’imizabibu wa Naboti (1-4)

    • Yezebeli ategura umugambi wo kwicisha Naboti (5-16)

    • Eliya abwira Ahabu ivyago bizomushikira (17-26)

    • Ahabu yicisha bugufi (27-29)

  • 22

    • Yehoshafati yifatanya na Ahabu (1-12)

    • Mikaya amenyesha Ahabu ko aza gutsindwa (13-28)

      • Umumarayika ahenda Ahabu (21, 22)

    • Ahabu yicirwa i Ramoti-Gileyadi (29-40)

    • Intwaro ya Yehoshafati mu Buyuda (41-50)

    • Ahaziya, umwami wa Isirayeli (51-53)