Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu c’Imigani

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Intumbero y’imigani (1-7)

    • Ingaruka zo kugira abagenzi babi (8-19)

    • Ubukerebutsi nyakuri burasemerera mu bibanza rusangi (20-33)

  • 2

    • Agaciro k’ubukerebutsi (1-22)

      • Rondera ubukerebutsi nk’itunga ryanyegejwe (4)

      • Ubushobozi bwo kwiyumvira buradukingira (11)

      • Ubuhumbu burakwega akarambaraye (16-19)

  • 3

    • Ca ubwenge wizigire Yehova (1-12)

      • Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vy’agaciro (9)

    • Ubukerebutsi butuma duhimbarwa (13-18)

    • Ubukerebutsi buraturinda (19-26)

    • Ingene dukwiye gufata abandi (27-35)

      • Korera iciza abandi igihe ubishoboye (27)

  • 4

    • Inyigisho y’umuvyeyi (1-27)

      • Niwironse ubukerebutsi imbere ya vyose (7)

      • Nuhunge inzira mbi (14, 15)

      • Inzira y’umugororotsi iguma irushiriza gukayangana (18)

      • «Rinda umutima wawe» (23)

  • 5

    • Niwirinde abagore b’ibihumbu (1-14)

    • Nunezeranwe n’umugore wawe (15-23)

  • 6

    • Ntiwishinge ingurane y’abandi (1-5)

    • «Genda ku kimonyo wa kinebwe we» (6-11)

    • Umuntu w’imburakimazi kandi w’umubisha (12-15)

    • Ibintu indwi bishisha Yehova (16-19)

    • Niwirinde umugore ameze nabi (20-35)

  • 7

    • Gamburukira Imana maze wibereho (1-5)

    • Umusore w’ikijuju yemera kuryosharyoshwa (6-27)

      • «Nk’ishuri igiye ku macuniro» (22)

  • 8

    • Ubukerebutsi burasemerera nk’umuntu (1-36)

      • «Ndi intango y’ibikorwa vy’Imana vya kera cane» (22)

      • «Nari iruhande y’Imana nk’umukozi w’umuhanga» (30)

      • «Narakunda cane abana b’abantu» (31)

  • 9

    • Ubukerebutsi nyabwo buratumira (1-12)

      • «Ubukerebutsi buzotuma imisi yawe iba myinshi» (11)

    • Umugore w’imburabwenge ariko aratumira (13-18)

      • «Amazi bivye arasosa» (17)

  • IMIGANI YA SALOMO (10:1–24:34)

    • 10

      • Umwana w’ubwenge anezereza se (1)

      • Amaboko y’umunyamwete aratungisha (4)

      • Uwuvuga menshi ntabura gucumura (19)

      • Umuhezagiro wa Yehova uratungisha (22)

      • Gutinya Yehova bituma umuntu aramba (27)

    • 11

      • Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto (2)

      • Umuntu atubaha Imana akwegera abandi guhona (9)

      • «Abajanama benshi batuma ibintu bigenda neza» (14)

      • Uwutanga cane azororanirwa (25)

      • Uwizigira ubutunzi bwiwe azogwa (28)

    • 12

      • Uwanka gukosorwa ntagira ubwenge (1)

      • «Amajambo avuzwe ata kwiyumvira ameze nk’ugucumita kw’inkota» (18)

      • Kuremesha amahoro bizana umunezero (20)

      • Umuntu avuga ibinyoma arashisha Yehova (22)

      • Amaganya araremera umutima (25)

    • 13

      • Abarondera impanuro ni abanyabwenge (10)

      • Iyo umuntu yiteze ibintu bigateba aravunika umutima (12)

      • Intumwa yizigirwa irakiza (17)

      • Uwugendana n’abanyabwenge azoba umunyabwenge (20)

      • Gukosora umwana vyerekana urukundo (24)

    • 14

      • Umuntu ni we ashobora gutahura umubabaro wiwe (10)

      • «Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse» (12)

      • Uwutagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose (15)

      • Umutunzi agira abagenzi benshi (20)

      • Umutima utekanye utuma umubiri ugira amagara meza (30)

    • 15

      • Inyishu irimwo ubwitonzi ihwamika uburake (1)

      • Amaso ya Yehova ari ahantu hose (3)

      • Isengesho ry’umugororotsi rirahimbara Imana (8)

      • Imigambi irapfa iyo hatabaye ukuja inama (22)

      • Nuzirikane imbere yo kwishura (28)

    • 16

      • Yehova ni we asuzuma imitima (2)

      • Nuragize Yehova ivyo ukora vyose (3)

      • Umunzane utabesha uva kuri Yehova (11)

      • Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime (18)

      • Imvi ku mutwe ni urugori rw’ubwiza (31)

    • 17

      • Ntiwishure ikibi ku ciza (13)

      • Imbere y’uko haduka amahane, kura meza (14)

      • Umugenzi nyakuri akundana igihe cose (17)

      • «Umutima unezerewe ni umuti mwiza» (22)

      • Umuntu afise ugutahura aracungera ivyo avuga (27)

    • 18

      • Kwigunga si vyiza (1)

      • Izina rya Yehova ni umunara ukomeye (10)

      • Ubutunzi ntibukingira umuntu vy’ukuri (11)

      • Ni vyiza kwumviriza impande zose (17)

      • Umugenzi arakwumirako kuruta uwo muvukana (24)

    • 19

      • Ugutahura kurahwamika ishavu (11)

      • Umugore w’amahane ameze nk’igisenge kiva (13)

      • Umugore w’ubwenge umuhabwa na Yehova (14)

      • Kosora umwana wawe bigishoboka (18)

      • Ni vyiza kwumviriza impanuro (20)

    • 20

      • Umuvinyu utuma umuntu acokorana (1)

      • Ikinebwe ntikirima mu rushana (4)

      • Ivyiyumviro vy’umuntu bimeze nk’amazi ari kure (5)

      • Si vyiza kugira indagano gihutihuti (25)

      • Ubwiza bw’imisore ni inkomezi zayo (29)

    • 21

      • Yehova ni we ayobora umutima w’umwami (1)

      • Ubugororotsi buraruta ibimazi (3)

      • Umunyamwete araroranirwa (5)

      • Uwutumviriza abantu batobato na we nyene ntazokwumvirizwa (13)

      • Nta bukerebutsi buri mu kurwanya Yehova (30)

    • 22

      • Izina ryiza riraruta ubutunzi bwinshi (1)

      • Niwigishe umwana wawe hakiri kare (6)

      • Ikinebwe cibwira ngo hanze hariyo intambwe (13)

      • Gukosora umwana biramurinda ubupfu (15)

      • Umukozi w’umuhanga akorera abami (29)

    • 23

      • Niwiyubare igihe bagutumiye (2)

      • Ntiwiruke inyuma y’ubutunzi (4)

      • Ubutunzi buraguruka bukigira (5)

      • Ntube mu banywi b’umuvinyu urenze urugero (20)

      • Umuvinyu ukomora nk’inzoka (32)

    • 24

      • Ntiwumvire agashari inkozi z’ikibi (1)

      • Ubukerebutsi ni bwo bwubaka inzu (3)

      • Umugororotsi naho yogwa azohaguruka (16)

      • Ntiwihore (29)

      • Gukunda agatiro bitera ubukene (33, 34)

  • IMIGANI YA SALOMO YIMUWE N’ABANTU B’UMWAMI HEZEKIYA (25:1–29:27)

    • 25

      • Kugumya ibanga (9)

      • Amajambo acaguwe neza (11)

      • Kutinjirira abandi mu buzima (17)

      • Kurunda amakara ku mutwe w’umwansi (21, 22)

      • Agakuru keza kameze nk’amazi apfutse (25)

    • 26

      • Ingene ikinebwe kimeze (13-16)

      • Ntiwisuke mu matati y’abandi (17)

      • Niwirinde gufyina mu buryo bubabaza abandi (18, 19)

      • Ahatagira inkwi, umuriro urazima (20, 21)

      • Amajambo y’umubeshi ameze nk’ivyo kurya biryoshe (22)

    • 27

      • Gukosorwa n’umugenzi birafasha (5, 6)

      • Mwananje, nezereza umutima wanje (11)

      • Icuma gikarishwa n’ikindi (17)

      • Numenye ubusho bwawe (23)

      • Ubutunzi ntibwamaho (24)

    • 28

      • Isengesho ry’umuntu atagamburuka rirashisha Imana (9)

      • Uwatura ivyaha vyiwe azogirirwa ikigongwe (13)

      • Uwurondera gutunga ningoga ntaguma ari intungane (20)

      • Ni vyiza gukosora umuntu (23)

      • Uwutanga cane nta co azobura (27)

    • 29

      • Umwana barekerana amaramaza nyina (15)

      • Ahatagira ukuyoborwa n’Imana abantu barirekura (18)

      • Umuntu akaza ishavu avyura amahane (22)

      • Uwicisha bugufi araninahazwa (23)

      • Gutinya abantu ni ukwitega umutego (25)

  • 30

    • UBUTUMWA BWA AGURI (1-33)

      • Ntumpe ubukene canke ubutunzi (8)

      • Ibintu bitigera bihaga (15, 16)

      • Ibintu utigera umenya inzira yavyo (18, 19)

      • Umugore arenga ibigo (20)

      • Ibikoko bifise ubwenge burenze (24)

  • 31

    • AMAJAMBO Y’UMWAMI LEMUWELI (1-31)

      • Umugore abishoboye ni nde yomuronka? (10)

      • Arakora cane (17)

      • Avugana ubuntu (26)

      • Abana biwe n’umugabo wiwe baramushemeza (28)

      • Igikundiro n’ubwiza birahera (30)