Ja ku birimwo

Guhuza ibitsina

Guhuza ibitsina si bibi, ariko birahambaye cane ko twicungera igihe dufise ico cipfuzo. None wokora iki kugira wicungere naho dukikujwe n’abantu batwawe umutima no guhuza ibitsina?

Gutotezwa no gukubagurwa

Nokora iki hari uwumbuza amahoro?

Raba ico ari co kubuza amahoro umuntu mu vy’igitsina be n’ico wokora bigushikiye.

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kwoshwa ngo uje mu buhumbu

Umviriza ivyo abakiri bato batanu bavuga ku bijanye no kubuzwa amahoro be n’ico umuntu yokora ivyo bishitse.

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana

Soma ivyavuzwe n’abigeze guhohoterwa mu vy’igitsina wumve ingene bashoboye gusubirana.

Ico Bibiliya ibivugako

Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina?

Hagize uwukubaza ati: ‘Uracari isugi?’ woshobora gusigura ivyo wemera ku bijanye n’ivy’igitsina ukoresheje Bibiliya?

Ukuntu wosigura ivyo wemera ku bijanye n’ivy’igitsina

Twese tuzobwirizwa gusigura ivyo twemera. Nukoreshe iyi myimenyerezo y’imiyabaga kugira urushirize kujijuka no kuburanira ivyo wemera.

Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?

Umukobwa yoba ashobora gutwara inda kubera yahuje umunwa n’igihimba c’irondoka c’uwundi muntu?

Kuryamana n’uwo musangiye igitsina vyoba ari bibi?

Bibiliya yoba yigisha kwanka abaryamana n’abasangiye igitsina? Umukirisu yoshobora guhimbara Imana kandi aciyumvamwo abo basangiye igitsina?

Ingene wosigura uko ubona ibijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina

Kuyaga be n’ivyo ibiganiro birashobora kuba urugamba. Uyu mwimenyerezo uzogufasha kwishura mu buryo bwiza ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.

Woba ugomwa abo musangiye igitsina? Vyoba bisobanura ko uri mu baryamana n’abo basangiye igitsina?

Vyoba ari bibi kwipfuza kuryamana n’uwo musangiye igitsina? Nokora iki?

Kwigenza neza

Nonanira gute akosho ko kuja mu busambanyi?

Impanuro zitatu zo muri Bibiliya zogufasha gutsinda ikigeragezo.

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bijanye n’igitsina?

Ni ibiki wokora igihe ivyiyumviro bijanye n’igitsina bikuje mu bwenge?

Noba nkwiye kugira indagano y’ubusugi?

Yoba izogufasha kwirinda kugira imibonano mpuzabitsina imbere yo kwubaka urwawe?

Nujijuke ku vyo wemera: Ubusugi

Uyu mwimenyerezo urashobora kugufasha guhitamwo neza mbere n’aho abandi boba bariko barakwosha.

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?

Woba uriko uragirwako umukazo wo kurungikiranira ibiterasoni kuri telefone? Ni ingaruka izihe ziva ku kubigira? Kwoba ari ukumenyerana mu vy’urukundo ata co gutwaye?

Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?

Amasanamu y’ibiterasoni afitaniye isano gute no kunywa itabi?

Woba wariziziwe n’amashusho y’ubushegabo?

Bibiliya irashobora kugufasha gutahura ububi bw’amashusho y’ubushegabo.

Nonanira gute ibigeragezo?

Raba ibintu bitatu bihambaye wokora kugira unanire ivyipfuzo bibi.

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.