Ja ku birimwo

Eritrea

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo

Leta ya Eritreya irahagarika ikongera igapfunga Ivyabona vya Yehova ata co bagirijwe kandi bataburanye, ushizemwo abagore n’abageze mu zabukuru, bahorwa ibikorwa vy’idini canke izindi mvo zitazwi. Umukuru w’igihugu Afwerki yaratse Ivyabona ubwenegihugu biciye kw’itegeko yateyeko umukono ku wa 25 Gitugutu 1994. Ivyo yabigize kubera banse kuja mu matora yabaye mu 1993 yo gushigikira canke kudashigikira ukwikukira no kubera banse kuja mu gisoda babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima. Imbere y’uko hashingwa itegeko ryo kuja mu gisirikare ku nguvu, Leta ya Eritreya yari yarategekanije ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Ivyabona batari bake barakoze ivyo bikorwa mu bisata bitandukanye. Abategetsi baratanga impapuro zemeza ko umuntu yarangije ivyo bikorwa kandi akatari gake barakeza ababa babigizemwo uruhara. Ariko rero, kubera rya tegeko umukuru w’igihugu yateyeko umukono, abajejwe umutekano bo muri Eritreya barapfunze Ivyabona vya Yehova, barabasinzikariza ubuzima bongera barababurabuza kugira bagondozwe bahebe ivyo bemera.

Ivyabona vya Yehova 36 (abagabo 26 n’abagore 10) ni bo bakiri mu gasho. Ivyabona vya Yehova 28 (abagabo 26 n’abagore 2) bari bapfunzwe bazira ukwemera kwabo, bararekuwe ku wa 4 Kigarama 2020. Bari bamaze imyaka iri hagati ya 5 na 26 mw’ibohero. Ku wa 29 Nzero 2021, hari umugabo w’Icabona yarekuwe, akaba yari amaze imyaka irenga 12 ari mu gasho. Ku wa 1 Ruhuhuma 2021 na ho, ibindi Vyabona batatu (umugabo umwe n’abagore babiri) bararekuwe. Bari bamaze imyaka iri hagati y’ine n’icenda mw’ibohero

Ivyabona bapfuye kubera bafashwe nabi cane mw’ibohero

Ivyabona bane baramaze gupfira mu mabohero yo muri Eritreya, abandi batatu bageze mu zabukuru na bo bapfa bamaze kurekurwa bivuye ku mabi bakorewe igihe bari bapfunzwe.

Babiri bapfuye mu 2018 inyuma y’aho bimuriwe mw’ibohero rya Mai Serwa. Uwitwa Habtemichael Tesfamariam yapfuye ku wa 3 Nzero 2018 afise imyaka 76, uwitwa Habtemichael Mekonen na we apfa ku wa 6 Ntwarante 2018 afise imyaka 77. Abategetsi ba Eritreya bari babapfunze mu 2008 ata vyagirizi.

Mu 2011 no mu 2012, Ivyabona babiri barapfuye kubera bahohotewe bidasanzwe mw’ibohero ry’i Meitir. Uwitwa Misghina Gebretinsae w’imyaka 62 yapfuye muri Mukakaro 2011 yishwe n’ubushuhe burenze igihe yari mu kibanza c’ihaniro batazira «ukuzimu.» Yohannes Haile w’imyaka 68 na we yapfuye ku wa 16 Myandagaro 2012, haheze nk’imyaka ine apfunzwe muri iyo mimerere. Ivyabona batatu bageze mu zabukuru, ari bo Kahsai Mekonnen, Goitom Gebrekristos na Tsehaye Tesfariam, bapfuye bamaze kurekurwa bivuye ku mabi bakorewe igihe bari bapfungiwe i Meitir.

Baranse gukurikiza ivyo basabwe n’amashirahamwe akomakomeye aharanira agateka ka zina muntu

Eritreya irabandanya kwirengagiza amategeko mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu. Amashirahamwe akomakomeye aharanira agateka ka zina muntu yarateye ivyatsi ukuntu Leta yima abantu ibintu vy’ishimikiro bari bafitiye uburenganzira kandi arabandanya gutera akamo Eritreya ngo ihindure ingendo.

Mu 2014, Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yarakengurutse raporo yatanzwe n’intumwa yayo idasanzwe yerekana ingene ivy’agateka ka zina muntu vyifashe muri Eritreya. Iyo raporo yasaba Leta kwubahiriza uburenganzira bw’abanka kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima «nk’uko bisabwa n’amategeko mpuzamakungu.» Yayisaba kandi «gufata neza abanyororo bose; kuvuza abakeneye kwivuza . . . no kubapfungira ahantu heza nk’uko bisabwa n’amategeko mpuzamakungu.» Mu ngingo Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yafashe mu 2015, yasavye Leta ya Eritreya «gutegekanya ibikorwa bisubirira ivya gisirikare ku bw’abanka kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.»

Mu 2016, Umugwi ujejwe gutohoza ibijanye n’agateka ka zina muntu muri Eritreya wasanze Eritreya yagirwa n’«icaha c’ihohoterwa rya kiremwa muntu» kubera ko ihama Ivyabona vya Yehova be n’abandi ibahora «idini n’ubwoko.»

Mu 2017, Komite ya Afrika y’abahinga mu vy’agateka k’abana n’ukumererwa neza kwabo, yarashikirije amakenga ifise ko naho hari amategeko y’ugukingira abana, «abana b’Ivyabona vya Yehova» bobo batayungukirako kandi ko bafatwa nabi. Iyo komite irasaba Eritreya «kwibuka no kwubahiriza ata vangura uburenganzira bw’umwana bwo kugira ivyiyumviro bitandukanye n’ivy’abandi, gusenga aho ashaka be no kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima.»

Mu 2018, Umugwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina muntu warasavye Eritreya «kwitwararika idatebaganye ikibazo c’abanyororo bose yima ibintu vy’ishimikiro bari bafitiye uburenganzira, harimwo . . . Ivyabona vya Yehova» be no kugira amatohoza ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova bavugwa ko bapfiriye mw’ibohero. Uwo mugwi warashimitse kandi ku vy’uko Eritreya ikeneye kwitwararika ko Ivyabona vya Yehova «bagumana ubwenegihugu bwabo.»

Muri Rusama 2019, Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yarasavye Eritreya kwubahiriza umwidegemvyo wo gusenga aho umuntu ashaka no «kurekura abantu bose bafashwe canke bapfunzwe bazira ukwemera kwabo, harimwo Ivyabona vya Yehova.» Iyo komite yarasavye kandi Eritreya «kwitwararika ko ivyo kwanka kuja mu gisirikare bitumwe n’ijwi ryo mu mutima vyemerwa n’amategeko kandi igategekanya ibikorwa bisubirira ivya gisirikare.»

Muri raporo yatanzwe ku wa 12 Rusama 2021, intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU yasavye Leta ya Eritreya «kurekura vyihuta kandi ataco barinze gusaba abo bose bapfunzwe ataco bazira canke bahorwa ivyo bemera harimwo Ivyabona vya Yehova 20.» Yasavye kandi «gusubira gusuzuma ingingo yo kwaka Ivyabona vya Yehova ubwenegihugu kubera gusa idini ryabo, kwubahiriza ivyavuzwe n’Umugwi wa Afrika ujejwe agateka ka zina muntu yuko Ivyabona vya Yehova bogumana uburenganzira abandi banyagihugu bemerewe, no gutohoza ibijanye n’Ivyabona vya Yehova bapfiriye mu munyororo.»

Bavundiye mw’ibohero

Benshi mu Vyabona b’abagabo bari mw’ibohero nta cizigiro bafise co kurekurwa. Bazopfungwa gushika bapfuye canke barekurwe ari uko bagira bapfe. Kubera ko badashobora kwunguruza kandi muri ico gihugu akaba ata mategeko ahari yobarenganura, ni nk’aho baciriwe umunyororo wo guherayo.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 15 Nzero 2024

    Ivyabona bose bapfunzwe bari 36.

  2. 1 Ruhuhuma 2021

    Ivyabona batatu bararekuwe.

  3. 29 Nzero 2021

    Icabona umwe yararekuwe.

  4. 4 Kigarama 2020

    Ivyabona 28 bararekuwe.

  5. 6 Ntwarante 2018

    Habtemichael Mekonen w’imyaka 77 yarapfuye inyuma y’aho yimuriwe mw’ibohero ry’i Mai Serwa.

  6. 3 Nzero 2018

    Habtemichael Tesfamariam w’imyaka 76 yarapfuye inyuma y’aho yimuriwe mw’ibohero ry’i Mai Serwa.

  7. Mukakaro 2017

    Ivyabona bose bari bapfungiwe mw’ibohero ry’i Meitir barimuriwe mw’ibohero ry’i Mai Serwa hafi y’i Asmara.

  8. 25 Mukakaro 2014

    Benshi mu bafashwe ku wa 14 Ndamukiza bararekuwe, ariko 20 mu bafashwe ku wa 27 Ndamukiza baracapfunzwe.

  9. 27 Ndamukiza 2014

    Ivyabona 31 barafashwe igihe bari bakoraniye hamwe kugira bige Bibiliya.

  10. 14 Ndamukiza 2014

    Ivyabona barenga 90 barafashwe bariko barahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu kiba buri mwaka.

  11. 16 Myandagaro 2012

    Yohannes Haile w’imyaka 68 yarapfiriye mw’ibohero kubera yari afashwe nabi cane.

  12. Mukakaro 2011

    Misghina Gebretinsae w’imyaka 62 yarapfiriye mw’ibohero kubera yari afashwe nabi cane.

  13. 28 Ruheshi 2009

    Abategetsi barasatse umuhana w’Icabona igihe we n’abandi bari mw’ikoraniro rijanye no gusenga. Barafashe Ivyabona 23 bose bari ng’aho, mutoyi muri bo akaba yari afise imyaka 2, mukuru na we 80.

  14. 28 Ndamukiza 2009

    Abategetsi barimuye Ivyabona vya Yehova bose bari bapfungiwe ku birindiro vy’abapolisi, babajana mw’ibohero ry’i Meitir. Umwe gusa ni we yasigaye.

  15. 8 Mukakaro 2008

    Abategetsi baratanguye gusaka mu mihana no mu bibanza abantu bakoreramwo maze barafata Ivyabona 24, benshi muri bo bakaba ari bo bari batunze imiryango yabo.

  16. Rusama 2002

    Leta yarugaye amadini yose kiretse ane yemewe na Leta.

  17. 25 Gitugutu 1994

    Umukuru w’igihugu yarasohoye itegeko ryaka Ivyabona vya Yehova ubwenegihugu n’uburenganzira bw’ishimikiro umunyagihugu wese afise.

  18. 17 Nyakanga 1994

    Paulos Eyasu, Isaac Mogos na Negede Teklemariam barapfunzwe ata co bagirizwa kandi bataburanye.

  19. Mu myaka ya 1940

    Ivyabona vya Yehova baratanguye gukorera muri Eritreya.