Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

2

Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki

Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki

Abahinga mu vya Bibiliya baremeza ko izina ry’uruharo ry’Imana, irigizwe na za ndome zine (יהוה), riboneka incuro nka 7.000 mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Ariko rero, benshi bavuga ko ritaboneka mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’ikigiriki. Ni co gituma Bibiliya nyinshi z’icongereza zo muri iki gihe zidakoresha izina Yehova mu co bita Isezerano rishasha. N’igihe bahindura amajambo yakuwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo abonekamwo za ndome zine, abahinduzi benshi bakoresha izina “Umukama” aho gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana.

Bibiliya y’isi nshasha ntiyisunga ako kamenyero. Irakoresha izina Yehova incuro 237 mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Abahinduzi bafashe iyo ngingo bisunze impamvu zibiri zihambaye: (1) Ivyandiko vy’iminwe vy’ikigiriki dufise muri iki gihe ni ivyimuwe. Menshi mu makopi ibihumbi ariho ubu yimuwe haciye n’imiburiburi ibinjana bibiri ayo mu ntango atunganijwe. (2) Ico gihe, abimura ivyo vyandiko baza barasubiriza za ndome zine n’izina Kyʹri·os (ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “Umukama”) canke na ho bakimura bafatiye ku makopi yamaze gukurwamwo izo ndome.

Komite yahinduye Bibiliya y’isi nshasha yasanze hariho imvo zumvikana zerekana ko za ndome zine zaboneka mu vyandiko vy’iminwe vyo mu ntango vy’ikigiriki. Iyo ngingo yari ishingiye ku bimenyamenya bikurikira:

  • Amakopi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yakoreshwa mu gihe ca Yezu n’intumwa ziwe yarimwo za ndome zine. Kera hariho abantu bakeyi batemera ico kintu. Kubera yuko ubu hariho amakopi y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yo mu kinjana ca mbere yubuwe hafi y’i Qoumrân, nta wugiharira ico kintu.

  • Mu gihe ca Yezu n’intumwa ziwe, za ndome zine zaraboneka kandi mu mpinduro z’ikigiriki z’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Mu binjana n’ibindi, abahinga mu vya Bibiliya biyumvira yuko za ndome zine zitaboneka mu vyandiko vy’ikigiriki vy’impinduro y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante. Mu nyuma, hagati mu kinjana ca 20, abahinga barabonye bimwebimwe mu bihimba vya kera vya ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante vyo mu gihe ca Yezu. Ivyo bihimba vyarimwo izina ry’uruharo ry’Imana, ryanditswe mu ndome z’igiheburayo. Ku bw’ivyo mu gihe ca Yezu amakopi y’Ivyanditswe vy’ikigiriki yarimwo izina ry’Imana. Ariko rero, mu kinjana ca kane Inyuma ya Kristu, ivyandiko nyamukuru vya ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante, nka Codex Vaticanus na Codex Sinaiticus, ntivyarimwo izina ry’Imana guhera mu gitabu c’Itanguriro gushika muri Malaki (aho ryari mu vyandiko vya kera). Ntibitangaje rero kubona ibisomwa vyazigamwe kuva muri ico gihe bitarimwo izina ry’Imana mu co bita Isezerano rishasha, ni ukuvuga igihimba ca Bibiliya c’Ivyanditswe vy’ikigiriki.

    Yezu yavuze atomoye ati: “Naje mw’izina rya Data.” Yarongeye kuvuga ashimika yuko ibikorwa vyiwe yabikora mw’‘izina rya Se’

  • Ivyanditswe vy’ikigiriki biravuga ko Yezu yakoresha kenshi izina ry’Imana kandi akarimenyesha abandi. (Yohani 17:6, 11, 12, 26) Yezu yavuze atomoye ati: “Naje mw’izina rya Data.” Yarongeye kuvuga ashimika yuko ibikorwa vyiwe yabikora mw’‘izina rya Se.’​—Yohani 5:43; 10:25.

  • Kubera ko Ivyanditswe vy’ikigiriki ari igihimba cahumetswe kiza ciyongera ku Vyanditswe vyeranda vy’igiheburayo, ukwo kuzimangana bukwi na bukwi kw’izina rya Yehova muri ico gisomwa ntikwobaye kwumvikana. Amaja hagati y’ikinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, umwigishwa Yakobo yabwiye abakurambere b’i Yeruzalemu ati: “Simeyoni yiganye ata co asize inyuma ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo.” (Ivyakozwe 15:14) Ntivyobaye vyumvikana ko Yakobo avuga ayo majambo iyaba mu kinjana ca mbere ata numwe yari azi canke ngo akoreshe izina ry’Imana.

  • Izina ry’Imana riraboneka mu mpfunyapfunyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Mu Vyahishuwe 19:1, 3, 4, 6, izina ry’Imana riraserurwa mu mvugo “Haleluya.” Iryo jambo rikuwe mu mvugo y’igiheburayo isigura ijambo ku rindi ngo “Shemeze Ya.” “Ya” ni impfunyapfunyo y’izina Yehova. Amazina menshi yakoreshejwe mu Vyanditswe vy’ikigiriki yarimwo izina ry’Imana. Kukaba nkako, ibitabu bimwebimwe vyerekana ko izina rya Yezu ubwiwe risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.”

  • Inyandiko zo mu ntango z’Abayuda zirerekana ko abakirisu b’Abayuda bakoresha izina ry’Imana mu nyandiko zabo. Tosefta, kino kikaba ari icegeranyo c’amategeko yatangwa ku munwa yashizwe mu nyandiko, icarangiye kwandikwa nko mu 300 Inyuma ya Kristu, kivuga ku bijanye n’inyandiko za gikirisu zaturirwa kw’Isabato giti: “Ibitabu vy’abanditsi b’Injili be n’ibitabu vy’abitwa minim [bikaba vyiyumvirwa ko bari abakirisu b’Abayuda] biraturirwa. Bituririrwa aho biri, vyo hamwe n’ahantu haba handitse izina ry’Imana.” Ico cegeranyo nyene kirasubiramwo amajambo yavuzwe n’Umurabi yitwa Yosé Umunyagalilaya yabayeho mu ntango z’ikinjana ca kabiri Inyuma ya Kristu, akaba yavuze ko mu yindi misi yo mw’iyinga “umuntu yashobora kuzifata [ni ukuvuga inyandiko za gikirisu] akazikuramwo agace kanditseko izina ry’Imana akagashingura ahandi hantu hanyuma izisigaye akaziturira.”

  • Abahinga bamwebamwe mu vya Bibiliya baremera yuko bishoboka yuko izina ry’Imana ryaboneka mu majambo yo mu Vyanditswe y’ikigiriki yakuwe mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Munsi y’agatwe kavuga ngo “Za ndome zine mw’Isezerano rishasha,” kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya (The Anchor Bible Dictionary) ivuga iti: “Hariho ibimenyamenya bimwebimwe vy’uko za ndome zine zigize izina ry’Imana ari ryo Yahweh, zaboneka mu mirongo imwimwe canke mbere yose yo mw’Isezerano rya kera yasubiwemwo mw’Isezerano rishasha igihe ivyandikano vy’Isezerano rishasha vyandikwa ari bwo bwa mbere.” Umuhinga George Howard avuga ati: “Kubera yuko za ndome zine zari zikiboneka mu makopi ya Bibiliya yo mu kigiriki [Septante], Ivyanditswe vyo muri yo bikaba ari vyo idini ryo mu ntango ryakoresha, ni ivyumvikana kwemera yuko abanditsi b’Isezerano rishasha, igihe baba bariko barasubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe, bakoresha za ndome zine mu gisomwa ca Bibiliya.”

  • Abahinduzi ba Bibiliya bemerwa barakoresheje izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Bamwe muri abo bahinduzi babigize imbere cane y’uko Bibiliya y’isi nshasha iboneka. Ng’aba bamwebamwe muri bo hamwe n’amabibiliya banditse: A Literal Translation of the New Testament . . . From the Text of the Vatican Manuscript, yahinduwe na Herman Heinfetter (1863); The Emphatic Diaglott, yahinduwe na Benjamin Wilson (1864); The Epistles of Paul in Modern English, yahinduwe na George Barker Stevens (1898); St. Paul’s Epistle to the Romans, yahinduwe na W. G. Rutherford (1900); The New Testament Letters, yahinduwe na J.W.C. Wand, umusenyeri w’i Londres (1946). Vyongeye, mu ntango z’ikinjana ca 20 umuhinduzi yitwa Pablo Besson, yarakoresheje izina “Jehová” muri Luka 2:15 no muri Yuda 14 mu mpinduro yiwe y’igisupanyoli, kandi utujambo tw’epfo dushika 100 muri iyo Bibiliya turerekana ibibanza izina ry’Imana rishobora gukoreshwamwo. Imbere y’uko izo Bibiliya ziboneka, impinduro z’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu giheburayo zo guhera mu kinjana ca 16 zarakoresha za ndome zine ahantu henshi. Mu rurimi rw’ikidagi rwonyene, n’imiburiburi impinduro 11 zirakoresha izina “Yehova” (canke izina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo “Yahweh”) mu Vyanditswe vy’ikigiriki, hakaba n’izindi zine zongerako iryo zina mu tuzitizo inyuma y’ijambo “Umukama.” Bibiliya zo mu kidagi zirenga 70 zirakoresha izina ry’Imana mu tujambo tw’epfo canke mu nsobanuro.

    Izina ry’Imana mu Vyakozwe 2:34 muri The Emphatic Diaglott, yahinduwe na Benjamin Wilson (1864)

  • Impinduro za Bibiliya mu ndimi zirenga ijana zitandukanye zirimwo izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Indimi nyinshi zo muri Afrika, muri Amerika, muri Aziya, i Buraya no mu mazinga ya Pasifike zirakoresha kenshi izina ry’Imana. (Raba urutonde ruri ku rupapuro rwa 12 na 13.) Abahinduye izo Bibiliya bahisemwo gukoresha izina ry’Imana kubera impamvu zisa n’izavuzwe aho haruguru. Zimwezimwe muri izo mpinduro z’Ivyanditswe vy’ikigiriki zasohotse vuba, nka Bibiliya ya Rotuman (1999), iyikoresha izina “Jihova” incuro 51 mu mirongo 48, na Bibiliya yitwa Batak (Toba) yo muri Endoneziya (1989), iyikoresha izina “Jahowa” incuro 110.

    Izina ry’Imana muri Mariko 12:29, 30 mu mpinduro yo mu rurimi rwo muri Hawayi

Nta gukeka, hariho impamvu zumvikana zo gusubiza izina ry’Imana Yehova mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Ivyo ni vyo nyene abahinduye Bibiliya y’isi nshasha bakoze. Barubaha cane izina ry’Imana kandi bariyubara ngo ntibakure ikintu na kimwe caboneka mu gisomwa c’intango.​—Ivyahishuwe 22:18, 19.