Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntegura kazoza nisunga Yehova

Ntegura kazoza nisunga Yehova

Voma:

  1. 1. Birashika nkibaza nti: “Nzob’iki muri kazoza,

    Bizongendera gute? Ni ’nzira nki yombera nziza?”

    Ikizwi coco, naho vyogenda bite,

    Mbayeho ku bwa Yehova, nd’uwiwe.

    (ICITABIZO)

    Mu buzima, muri vyose, icombera ciza,

    Ciza kuruta nokurikirana,

    N’ugushimisha Yehova mu vyo nkora vyose.

    Ni we yampaye vyose, sinzovyibagira.

    Nta kizonkoma, kukw’kukw’azonkingira.

    Ntegura kazoza ndamwisunga muri vyose.

  2. 2. Har’aho mu buzima mfat’inzira nzi kw’idashika,

    Inzir’intesh’ahantu heza nari nkwiye kuguma.

    Iyo nibutse ko namwiyeguriye

    Birankomeza, nkaguma nshikamye.

    (ICITABIZO)

    Mu buzima, muri vyose, icombera ciza,

    Ciza kuruta nokurikirana

    N’ugushimisha Yehova mu vyo nkora vyose.

    Ni we yampaye vyose, sinzovyibagira.

    Nta kizonkoma, kukw’azonkingira.

    Ntegura kazoza ndamwisunga muri vyose.

    (IKIRARO)

    Kazoza ntegura ntikazohera,

    Mfashijwe n’umugenzi wanje Yehova.

    Agahimbare nyako mu buzima

    Kava ku gukor’ivyo Yehov’ashima.

    (ICITABIZO)

    Mu buzima, muri vyose, icombera ciza,

    Ciza kuruta nokurikirana

    N’ugushimisha Yehova mu vyo nkora vyose.

    Ni we yampaye vyose, sinzovyibagira.

    Nta kizonkoma, kukw’azonkingira.

    Ntegura kazoza ndamwisunga muri vyose.

    Ntegura kazoza ndamwisunga muri vyose.