Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nzumvira ivyo uvuga

Nzumvira ivyo uvuga

Voma:

  1. 1. Mbe nkor’iki? Mbe niture nde?

    Vyoshobora kub’ar’ibintu bisanzwe

    Kumbure sinoca ndabiheba vyose.

    Mbega nkor’iki ga yemwe? Bizonjana he?

    Mbe nkor’iki? Mfat’iki, ndek’iki?

    Har’aho nokwita mu mitego myinshi,

    Ngasanga nikwegey’ingorane nyinshi

    Mbega nkor’iki ga yemwe? Yehova, nunteg’ugutwi.

    (ICITABIRIZO)

    Nzumvir’ivy’uvuga; ndabikunda rwose.

    Ekaye sinzokwigera ndabivako.

    Ivy’uvuga mw’Ijambo ryawe vyose bituma ntahura.

  2. 2. Ndaz’ivy’udusaba. Ndabisuzuma.

    Sinipfuza gukor’ibikubabaza,

    Ariko mbona k’umengo s’icoroshe.

    Oy’ubu sinkizimiye, kandi ndabitoye.

    (ICITABIRIZO)

    Nzumvir’ivy’uvuga; ndabikunda rwose.

    Birankomeza maze nkabona kure.

    Ivy’uvuga mw’Ijambo ryawe vyose bituma ntahura.

    (ICITABIRIZO)

    Nzumvir’ivy’uvuga; ndabikunda rwose.

    Birankomeza maze nkabona kure.

    Nama ndabisoma bikanezereza cane.

    Nca numv’undi hafi nzirikany’ivyawe.

    Ivy’uvuga mw’Ijambo ryawe bituma ntahura.