Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nzohaguruka

Nzohaguruka

Voma:

  1. 1. Iri rungu riranyishe, ndananiwe.

    Yehova, ndabona ko nayovye.

    Ndadendebukiwe, nump’inkomezi mvyuke.

    Nshaka nsubir’aho nkwiye kuba.

    (ICITABIRIZO)

    Ibintu wanyigishije ndacavyibuka,

    Ni kwa kuri kwo mw’Ijambo ryawe.

    Naho ntsitara nkagwa, sinkekeranya,

    Nzohaguruka.

  2. 2. Ndaz’abankund’ab’ari bo,

    Bankunze na kera,

    Bakunda Yehova vy’ukuri.

    Ijambo ryawe ryabay’itara rinyereka

    Inzir’injan’aho nkwiye kuba

    (IKIRARO)

    Aho nja hose, ivyo mbona vyose, binyibutsa ko

    Iherezo rije.

    (ICITABIRIZO)

    None Yehova Dawe, ntabar’unyumve.

    Numfashe kuko ngez’ahatemba.

    Urazi ko naho ntsitara kenshi,

    Nzohaguruka.

    (IKIRARO)

    Ndazi kw’Iman’itahura kw’ata co nokwishoboza.

    Iranzi kand’ibon’ivy’abandi batabona.

    Yoy’indonderamw’iciza.

    (ICITABIRIZO)

    Ubu rero ngiye ku Ngoro, numv’ico nahomvye,

    Nsubir’aho nkwiye kuba.

    Naho ntsitara nkagwa, sinkekeranya, nzohaguruka.

    Nzohaguruka.