Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Aho nkwiye kuba

Aho nkwiye kuba

Voma:

  1. 1. Mbon’umengo abo tungana,

    Babayeho baryimara.

    Ndaz’ikibi be n’iciza.

    Ndaz’ahantu nkwiye kuba.

    Ndahimbawe no kumenya

    Aho je mbwirizwa kuja,

    Nkironkera abagenzi

    Batuma ngir’inkomezi.

    (ICITABIRIZO)

    Je mu mutima

    Sinkeka namba.

    Yehova mfasha

    Mpitemwo neza,

    Meny’aho nkwiye kuba.

  2. 2. Ndazi neza mu mutima

    Yuko nd’aho nkwiye kuba.

    Bibiliya ndayisoma

    Ngaca mbon’ico nokora.

    Ubu kandi ndibonera

    Abagenzi nzorondera..

    Ni bo ncuti, baramfasha

    N’ingabire ya Yehova.

    (ICITABIRIZO)

    Je mu mutima

    Sinkeka namba.

    Yehova mfasha

    Mpitemwo neza,

    Meny’aho nkwiye kuba.