Aho nkwiye kuba
Voma:
1. Mbon’umengo abo tungana,
Babayeho baryimara.
Ndaz’ikibi be n’iciza.
Ndaz’ahantu nkwiye kuba.
Ndahimbawe no kumenya
Aho je mbwirizwa kuja,
Nkironkera abagenzi
Batuma ngir’inkomezi.
(ICITABIRIZO)
Je mu mutima
Sinkeka namba.
Yehova mfasha
Mpitemwo neza,
Meny’aho nkwiye kuba.
2. Ndazi neza mu mutima
Yuko nd’aho nkwiye kuba.
Bibiliya ndayisoma
Ngaca mbon’ico nokora.
Ubu kandi ndibonera
Abagenzi nzorondera..
Ni bo ncuti, baramfasha
N’ingabire ya Yehova.
(ICITABIRIZO)
Je mu mutima
Sinkeka namba.
Yehova mfasha
Mpitemwo neza,
Meny’aho nkwiye kuba.