Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ndushiriza kukwizigira

Ndushiriza kukwizigira

Voma:

  1. 1. Kurya kw’igiterwa mw’ivu,

    Amajambo yawe

    Ari mu mutima wanje akampumuriza.

    Ubu naho hoz’iki,

    Ubukerebuts’umpa

    Bwama muri jewe maze bukambwira ngo:

    (INTEGUZA)

    Reka kwihebura.

    Gumako, umwizigire.

    (ICITABIRIZO)

    Igihe mba ndengewe,

    Ndumv’amajambo yawe

    Ngaca nguma ndushiriza kukwizigira

  2. 2. Ab’isi banciy’intege

    Kugira nt’umurongo,

    Ndakwitura kandi nzi ko wam’unyumva.

    Nditonda mu gusoma

    Maze nkazirikana

    Kw’Ijambo ryawe, nkumva rindemesha ngo:

    (INTEGUZA)

    Reka kwihebura.

    Gumako, umwizigire.

    Rengera ingorane zose.

    Nubone ibitaboneka.

    (ICITABIRIZO)

    Igihe mba ndengewe,

    Ndumv’amajambo yawe

    Ngaca nguma ndushiriza kukwizigira,

    Dawe.

    (INTEGUZA)

    Reka kwihebura.

    Gumako, umwizigire.

    Rengera ingorane zose.

    Nubone ibitaboneka.

    (ICITABIRIZO)

    Igihe mba ndengewe,

    Ndumv’amajambo yawe

    Ngaca nguma ndushiriza kukwizigira.