Umugenzi nyawe
Voma:
1. Kwirwanako mu misi ya nyuma ntivyoroha namba.
Na Yehov’arazi yuko dukeneye gufashwa.
None ga yemwe, umugenzi nyawe twomukura he?
Twibuke ivy’Imana yavuze.
(ICITABIRIZO)
Ni nde
Mugenzi nyawe?
N’ury’akwitaho
Mu vyiza be no mu vyago,
Aguhanura,
Akanagukeza.
Agufasha kudat’inzira.
Akuremesha kwumira ku Mana.
Ng’uy’umugenzi.
2. “Akundan’igihe cose,” ni kw’Iman’ivuga.
Rer’ivyago bije, ntiwihebure. Nuc’useng’Imana.
Twes’abakuze cank’abato, nimuze dufatane mu nda.
Vuba tuzobane mw’isi nshasha.
(ICITABIRIZO)
Ni nde
Mugenzi nyawe?
N’ury’akwitaho
Mu vyiza be no mu vyago,
Aguhanura,
Akanagukeza.
Agufasha kudat’inzira.
Akuremesha kwumira ku Mana.
Ng’uy’umugenzi.
(IKIRARO)
Ntahemuka.
Ahimbarw’igih’ukorera Yehova.
Aguserukako hanyum’akakuremesha.
Ng’uy’umugenzi.
(ICITABIRIZO)
Ni nde
Mugenzi nyawe?
N’ury’akwitaho
Mu vyiza be no mu vyago,
Aguhanura,
Akanagukeza.
Agufasha kudat’inzira.
Akuremesha kwumira ku Mana.
(ICITABIRIZO)
Ni nde
Mugenzi nyawe?
N’ury’akwitaho
Mu vyiza be no mu vyago,
Aguhanura,
Akanagukeza.
Agufasha kudat’inzira.
Akuremesha kwumira ku Mana.
Ng’uy’umugenzi.
N’umugenzi, oh.
Oh, n’umugenzi.