Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyumvire ico gihe

Niwiyumvire ico gihe

Voma:

  1. 1. Kubah’ubu s’icoroshe.

    Abant’inzar’irabishe.

    Ndih’ishusho ndiko mbona

    Ivyavuzwe biranguka.

    (ICITABIRIZO)

    Niwiyumvir’ata mubabaro,

    Turyohewe, twasubiy’ibuto.

    Iyumvir’ah’uzamuvug’uti:

    “Warakoze Mana kuduh’ivyiza nk’ibi.”

  2. 2. Sindigera numvish’amatwi,

    Nsigaye mbon’ivyijiji.

    Yamara nzumv’akaziki,

    Mbon’ivyiza buri musi.

    (ICITABIRIZO)

    Niwiyumvir’ata mubabaro,

    Turyohewe, twasubiy’ibuto.

    Iyumvir’ah’uzamuvug’uti:

    “Warakoze Mana kuduh’ivyiza nk’ibi.”

    (IKIRARO)

    Kuba mez’uku biranduhije.

    Mugab’urukiza ruraje!

    (ICITABIRIZO)

    Niwiyumvir’ata mubabaro,

    Turyohewe, twasubiy’ibuto.

    Iyumvir’aho tuzikin’amatavu,

    Twibagiy’ivyater’intutu.

    (ICITABIRIZO)

    Niwiyumvir’ata mubabaro,

    Turyohewe, twasubiy’ibuto.

    Iyumvir’ah’uzamuvug’uti:

    “Warakoze kuduh’ivyiza!”