Nzokwama nshima ivyo Imana yaremye
Voma:
1. Ndabon’amashurwe asayangana,
Ibiti ku misozi bihungabana.
Ndumv’akazuba kansusurutsa
Inyoni na zo zindirimbira
(INTEGUZA)
Ndarengerwa
Ndavy’ivyo vyiza.
Mbe nokor’iki
Ngo nshimir’Imana?
(ICITABIRIZO)
Je nzokwama nshima
Mbwire Yehova nti:
Ndagushima
Ku rukundo rwawe.
Nzokwicara
Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.
Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.
Je nzokwama nshima.
Nzama ngushimira.
2. Mu kirere haratats’ubwo bwiza,
Ikirengazuba co wohor’uraraba!
Es’ingen’uruzi rusuma mw’ijoro,
Inyenyeri ziri mu mwigino.
(INTEGUZA)
Ndarengerwa
Ndavy’ivyo vyiza
Sinzohengeshanya
Kwama nkenguruka.
(ICITABIRIZO)
Je nzokwama nshima
Mbwire Yehova nti:
Ndagushima
Ku rukudo rwawe.
Nzokwicara
Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.
Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.
Je nzokwama nshima.
(IKIRARO)
Ek’ur’Iman’ikomeye,
Wama ugira neza,
Uradukunda.
Bituma nshima;
Nzama ngushimira.
(ICITABIRIZO)
Je nzokwama nshima
Mbwire Yehova nti:
Ndagushima
Ku rukudo rwawe.
Nzokwicara
Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.
Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.
Je nzokwama nshima.
Je nzokwama nshima.
Tuzama dushima.