Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nzokwama nshima ivyo Imana yaremye

Nzokwama nshima ivyo Imana yaremye

Voma:

  1. 1. Ndabon’amashurwe asayangana,

    Ibiti ku misozi bihungabana.

    Ndumv’akazuba kansusurutsa

    Inyoni na zo zindirimbira

    (INTEGUZA)

    Ndarengerwa

    Ndavy’ivyo vyiza.

    Mbe nokor’iki

    Ngo nshimir’Imana?

    (ICITABIRIZO)

    Je nzokwama nshima

    Mbwire Yehova nti:

    Ndagushima

    Ku rukundo rwawe.

    Nzokwicara

    Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.

    Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.

    Je nzokwama nshima.

    Nzama ngushimira.

  2. 2. Mu kirere haratats’ubwo bwiza,

    Ikirengazuba co wohor’uraraba!

    Es’ingen’uruzi rusuma mw’ijoro,

    Inyenyeri ziri mu mwigino.

    (INTEGUZA)

    Ndarengerwa

    Ndavy’ivyo vyiza

    Sinzohengeshanya

    Kwama nkenguruka.

    (ICITABIRIZO)

    Je nzokwama nshima

    Mbwire Yehova nti:

    Ndagushima

    Ku rukudo rwawe.

    Nzokwicara

    Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.

    Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.

    Je nzokwama nshima.

    (IKIRARO)

    Ek’ur’Iman’ikomeye,

    Wama ugira neza,

    Uradukunda.

    Bituma nshima;

    Nzama ngushimira.

    (ICITABIRIZO)

    Je nzokwama nshima

    Mbwire Yehova nti:

    Ndagushima

    Ku rukudo rwawe.

    Nzokwicara

    Nzirikane mu buryo bw’imvamutima.

    Nzama nkenguruk’ivyo vyiza.

    Je nzokwama nshima.

    Je nzokwama nshima.

    Tuzama dushima.