Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tube nk’abana

Tube nk’abana

Voma:

  1. 1. Yezu yavuze ngo

    Tube nk’abana bato.

    Naho mw’isi abantu bibona,

    Mu mutima tub’abana.

    Ntitwinubane, twigan’Imana mu kwubah’abandi.

    (ICITABIRIZO)

    Tube nk’abana, twihatire gukundana,

    Tuguma turondera mu band’iciza.

    Tube nk’abana, tugir’umutima mwiza,

    Twirinda ikintu codutandukanya.

  2. 2. Uko imyak’igenda,

    Urukundo ruratimba.

    Har’igihe twohinyur’abandi

    Kandi badafis’imvo mbi.

    Tubon’abandi ko baturuta, ntitube nk’ab’isi.

    (ICITABIRIZO)

    Tube nk’abana, twihatire gukundana,

    Tuguma turondera mu band’iciza.

    Tuba nk’abana, tugir’umutima mwiza,

    Twirinda ikintu codutandukanya.

    Tube nk’abana.

    (IKIRARO)

    Uko dukura,

    Twibuk’Imana.

    Tuzohimbarwa

    Dukoze neza,

    Twibuka yuko

    Mw’iyi si yibona,

    Dukeneye kuba nk’abana.

    (ICITABIRIZO)

    Tube nk’abana, twihatire gukundana,

    Tuguma turondera mu band’iciza.

    Tuba nk’abana, tugir’umutima mwiza,

    Twirinda ikintu codutandukanya.

    Tube nk’abana.