Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igihe abantu bose bazosenga Yehova

Igihe abantu bose bazosenga Yehova

Voma:

  1. 1. Kw’isi n’amarira.

    Benshi nta cizigiro.

    Indwano ntizivanako,

    Nta muti n’umw’uhari.

    Har’ivyago vyinshi,

    N’abantu bagahendwa.

    Yehova w’atang’icizigiro,

    Kw’isi nshash’iri hafi.

    (ICITABIRIZO)

    Tuzosenga

    Yehova.

    Kw’isi yose,

    Tuzohuz’amajwi

    Mu kumushemeza.

  2. 2. Vuba tuzohozwa

    Dukire kwihangana.

    Yehova ni we aturemesha

    Tukagir’amahoro.

    Atuma turema,

    Kand’akaduhoza.

    Vuba tugiye kwironkera

    Amahoro menshi.

    (ICITABIRIZO)

    Tuzosenga

    Yehova.

    Kw’isi yose,

    Tuzohuz’amajwi

    Mu kumushemeza.

    (IKIRARO)

    Ku ntwaro ya Kristu,

    Tuzokwidegemvya.

    Urupfu na rwo ruzokurwaho.

    Twese tuzosenga

    Umwe Rudasumbwa.

    (ICITABIRIZO)

    Tuzosenga

    Yehova.

    Kw’isi yose,

    Tuzohuz’amajwi​—

    Tuzosenga

    Yehova.

    Kw’isi yose,

    Tuzohuz’amajwi

    Mu kumushemeza.

    Ivyo ni vy’agomba!