Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nurondere umwanya wo gukora ibintu bihambaye

Nurondere umwanya wo gukora ibintu bihambaye

Nurondere umwanya wo gukora ibintu bihambaye

“Igihe gisigaye ni kigufi.”—1 Abakorinto 7:29.

UWITWA Michael LeBoeuf yanditse mu gitabu ciwe (Working Smart) ati: “Gusimbira mu mazi ukayakubitagura ntibisigura yuko uba uriko uroga.”

Mu yandi majambo, hariho itandukaniro hagati yo kuba uriko urakora no kurangura vy’ukuri ikintu c’ingirakamaro. Zirikana ku vyo wakoze mu ndwi iheze. Ni ibiki warondereye umwanya? Ni ibiki wakoze cane? Woba ubona ko bikenewe yuko urondera umwanya wiyongereye wo gukora ibintu bikuraje ishinga vy’ukuri?

Rimbura ivyo Yezu yari yaravuze ku bijanye n’ibihe tubayemwo bisaba ko umuntu akora yihuta. Yavuze yuko uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereza, isi nshasha igororotse y’Imana na yo ikarushiriza kwegereza, abigishwa biwe bobaye bafise vyinshi bakora. None bobaye bariko barakora iki? Bobaye bariko baramamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami [bw’Imana].” Yezu yavuze kandi yuko abantu benshi bobaye bafise vyinshi bakora ku buryo batayumviriza. Bobaye barajwe ishinga n’ibintu bisanzwe vyo mu buzima bwa misi yose. Yongeyeko yuko abobaye bafise vyinshi bakora ku buryo batitaho ubutumwa bw’Ubwami botikijwe.—Matayo 24:14, 37-39; Luka 17:28-30.

Muri kino gihe, Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana mu bihugu birenga 230. Nk’uko Yezu yari yarabivuze, abantu benshi baranka kubumviriza, bakavuga yuko ata mwanya bafise. Ariko rero naho ufise ibintu vyinshi ukora mu buzima bwawe, turagusavye ngo ufate umwanya usuzume ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Turizigiye yuko niwamara kumenya imihezagiro Imana ibikiye abantu, uzokwemera yuko kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya no kubushira mu ngiro ari ikintu bibereye ko uronderera umwanya, ikintu gihambaye vy’ukuri. *

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Ushaka kumenya vyinshi, niwiture Ivyabona vya Yehova b’aho uba canke wandike ukoresheje imwe muri aderese ziri ku rupapuro rwa 5 kibure uje ku muhora wacu wa Internet ari wo www.watchtower.org.