Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?

Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?

Urwaruka ruribaza

Guhuza ibitsina vyoba bizotuma turushiriza gukundana?

Uwitwa Heather amaze amezi abiri gusa azinanyi na Mike, ariko yumva ari nk’aho yamumenye kuva kera cane. Bama bandikiranira kuri telefone ngendanwa kandi iyo bariko bavuganira kuri telefone bamara amasaha n’ayandi, eka mbere iyo bariko baravugana umwe wese arashobora guheraheza iciyumviro c’uwundi! Ariko rero ubu, igihe bicaye mu muduga uhagaritse ahantu hanaka mu kajoro ukwezi kuriko kuraka, Mike agomba ko bakora n’ibindi uretse gusa kuganira.

Mu mezi abiri aheze, Mike na Heather nta kindi bakoze kirenze ugufatana amaboko no gusomana akanya gato. Heather ntashaka gukora ibiruta ivyo. Ariko kandi ntashaka ko Mike amuheba. Nta wundi muntu atuma yumva ko ari mwiza cane kandi adasanzwe. Yibwira ati: ‘Nakare, none ntidukundana na Mike?’

WOSHOBORA kwiyumvira aho ivyo biza kubashikana. Ariko ico woshobora kuba udatahura ni ukuntu guhuza ibitsina vyotuma ibintu bihinduka bikaba nabi cane hagati ya Mike na Heather. Rimbura iki kintu:

Igihe wirengagije itegeko rigenga ibiriho, nka bwa bushobozi isi ifise bwo kwikwegerako ibintu, urashikirwa n’ingaruka. Ukwo ni ko bigenda n’igihe wirengagije itegeko rijanye n’ivyo kwigenza runtu nka rimwe rivuga riti: ‘Nimwirinde ubusambanyi.’ * (1 Abanyatesalonika 4:3) Ni ingaruka izihe ziva ku kugambarara iryo tegeko? Bibiliya ivuga iti: “Uwukora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.” (1 Abakorinto 6:18) Ni mu buryo ki ivyo ari ivy’ukuri? Raba nimba ushobora gutondeka aha h’epfo ingaruka mbi zitatu zishobora gushikira abisuka mu vyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka izabo.

1. ․․․․․

2. ․․․․․

3. ․․․․․

Ubu na ho nutereze amaso ku vyo wanditse. Woba washizemwo ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, gutwara imbanyi utipfuza canke kutaba ugishimwa n’Imana? Nta gukeka ko izo ari inkurikizi zibabaje zishobora gushikira umuntu wese arenze kw’itegeko ry’Imana rijanye no kwirinda ubusambanyi.

Naho ari ukwo, woshobora kwumva umengo worenga iryo tegeko. Woshobora kwibwira uti: ‘Jewe nta co nzoba.’ Nakare, none abantu bose ntibabigira? Abo mu runganwe rwawe bo kw’ishure bahora bigamba bavuga ukuntu baja mu vyo guhuza ibitsina kandi basa n’abadashikirwa n’ingorane. Kumbure, nka kumwe kwa Heather yavuzwe mu majambo atangurira iki kiganiro, wiyumvira mbere yuko guhuza ibitsina n’umugenzi wawe bizotuma murushiriza gukundana. Nakare, hari uwokwipfuza ko bamutyekeza ngo ni uko akiri isugi? Ntivyoba vyiza none umuntu abikoze?

Ntukore ibintu gihutihuti! Ubwa mbere na mbere, si bose babigira. Ego ni ko, woshobora gusoma ibitigiri vyerekana yuko abakiri bato benshi cane bisuka mu vyo guhuza ibitsina. Nk’akarorero, icigwa cagizwe muri Leta Zunze Ubumwe cerekanye yuko igihe abakiri bato bo muri ico gihugu baba barangije amashure yisumbuye, 2 kuri 3 muri bo baba bamaze guhuza ibitsina. Ariko kandi ivyo bisobanura yuko 1 kuri 3, ico kikaba ari igitigiri kitari gito, aba atarahuza ibitsina. None tuvuge iki kuri abo baba bamaze guhuza ibitsina? Abashakashatsi basanze abakiri bato benshi nk’abo baca bashikirwa na kimwe mu bintu bibi bikurikira canke ibirenga.

Ikintu kibi ca #1: UKWIYAGIRIZA. Benshi mu bakiri bato bisutse mu vyo guhuza ibitsina batarubaka izabo, bavuga yuko bicujije inyuma y’aho babikoreye.

Ikintu kibi ca #2: UKUTIZIGIRANA. Iyo abantu bamaze guhuza ibitsina, umwe wese aca atangura kwibaza ati: ‘Ni nde wundi bamaze guhuza ibitsina?’

Ikintu kibi ca #3: UGUHEMUKIRANIRA. Igihe abantu bamaze guhuza ibitsina, birashoboka cane ko umuhungu aca aheba uwo mukobwa bari bakundanye agafatana n’uwundi.

Ikintu kibi ca #4: KUVUNIKA UMUTIMA. Mu mutima, umukobwa yoshima kugira umuntu amukingira, atari uwurondera kumwungukirako.

Ikigeretse kuri ivyo bihejeje kuvugwa, rimbura iki kintu: Abahungu benshi bavuze yuko batokwigera barongora umukobwa bigeze guhuza ibitsina. Uti kubera iki? Kubera yuko bashima kurongora umuntu atanduye!

Ivyo vyoba bigutangaza, kumbure mbere bikagushavuza? Nimba ari ukwo, waba uri umukobwa canke umuhungu, niwibuke iki kintu: Ibishikira abahuza ibitsina imbere y’uko bubaka izabo biratandukanye cane n’ivyerekanwa mu masenema no kuri televiziyo. Urwego rujejwe ivyo kwisamaza ruratuma ivy’uguhuza ibitsina kw’imiyabaga bisa n’ibikwegera rukongera rugatuma biboneka nk’aho ari urukundo nyakuri. Ariko ntuhendwe ubona! Abantu bogerageza kukuryosharyosha ngo uje mu vyo guhuza ibitsina utarubaka urwawe baba bariko bironderera inyungu zabo gusa. (1 Abakorinto 13:4, 5) Nakare, ubwo umuntu agukunda koko yotuma umererwa nabi ku mubiri kandi ukagira umubabaro? (Imigani 5:3, 4) Vyongeye, umuntu akwitwararika vy’ukuri yoba yogerageza gutuma ubucuti ufitaniye n’Imana bwononekara?—Abaheburayo 13:4.

Ico womenya coco ni uko igihe wisutse mu vyo guhuza ibitsina imbere y’uko wubaka urwawe, uba witesheje agaciro mu gutakaza ikintu gifise agaciro kanini. (Abaroma 1:24) Ntibitangaje rero kubona abantu benshi iyo bamaze kwisuka mu vyo guhuza ibitsina baca bumva badahimbawe kandi ata co bamaze, nk’aho boba basamaye bakareka umuntu akiba ikintu c’agaciro kiri mu bibagize! Ntureke ngo ivyo bigushikire. Igihe hari umuntu agerageje kukuryosharyosha ngo muhuze ibitsina mu kuvuga ngo “Iyaba unkunda, wari kwemera,” nuce umubwira ushikamye uti: “Iyaba unkunda ntiwari kunsaba ico kintu!”

Umubiri wawe urafise agaciro kanini cane ku buryo udakwiye kuwuha umuntu n’umwe. Niwerekane yuko ugamburuka ushikamye itegeko ry’Imana risaba kwirinda ubusambanyi. Maze umusi uri izina niwubaka urwawe uzoshobora guhuza ibitsina n’uwo mwubakanye. Kandi uzoshobora kuvyinovora bimwe vyuzuye, udashikirwa no guhagarika umutima, kwicuza be n’ingorane zikunda cane gushikira abantu baba bisutse mu vyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka izabo.—Imigani 7:22, 23; 1 Abakorinto 7:3.

Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga kuri Internet ku muhora witwa www.watchtower.org/ype

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 6 Imvugo ikoreshwa muri Bibiliya ngo “ubusambanyi” ntirimwo gusa ivyo guhuza ibitsina hagati y’abantu batabiranye ariko kandi irimwo n’izindi ngeso, nko gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu canke kwisuka mu vyo kumarana inambu y’umubiri mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke mu kubicisha mu kibuno. Nimba wipfuza ayandi makuru, raba igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi (mu gifaransa), Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 42-47.

IVYO UKWIYE KUZIRIKANAKO

● Naho guhuza ibitsina imbere y’uko wubaka urwawe vyoshobora gukwēgēra umubiri munyagasembwa, ni kubera iki udakwiye kubigira?

● Uzokora iki nihagira umuntu agusaba ngo muhuze ibitsina?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 21]

IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA

“Kuvuga gusa ngo oya ntibituma umuntu ariko arakuryosharyosha adasubira kugerageza. Ingene uvyifatamwo mu kwanka ni vyo bituma adasubira kugerageza. Upfuye kuvuga gusa ngo oya ariko ukaba usa n’uwudashikamye, bizogaragara. Urakeneye gushikama!”

“Kuvuga gusa ngo oya ntivyama bihagije. Mbere no gusigura ivyo wemera hari aho ata co vyovamwo. Ndazi abantu bamwebamwe bigamba bavuga yuko bashoboye kugondoza umukirisu. Rimwe na rimwe biraba ngombwa ko ukura akarenge. Ntivyoroshe kugira, mugabo biravamwo ivyiza.”

“Kubera ko uri umukirisu, urafise kamere zizotuma abandi bumva bagukunze. Ubwirizwa rero kuba maso no kwanka igihe hari uwugusavye gukora ikintu kiranga ubuhumbu. Nuhe agaciro izo kamere. Ntuzipfishe ubusa!”

[Amafoto]

Diana

James

Joshua

[Uruzitiro ku rup. 22]

NUMUBERE INTWARI!

Nimba ureheje, woba vy’ukuri witwararika umwigeme ureheje? Numwereke rero yuko ufise . . .

inkomezi zo gushigikira amategeko y’Imana

ubukerebutsi bwo kwirinda ibintu bishobora kubosha nabi

urukundo rutuma urondera ineza yiwe

Niwabigenza gutyo, birashoboka ko uwo mwigeme mukundanye azokwiyumva nk’uko wa Mushulamukazi yiyumva, uwavuze ati: “Umukunzi wanje n’uwanje nanje nd’uwiwe.” (Indirimbo ya Salomo 2:16) Muri make, uzomubera intwari!

Raba Imigani 22:3; 1 Abakorinto 6:18; 13:4-8.

[Uruzitiro ku rup. 22]

INAMA UGIRIWE

Ku bijanye n’inyifato ukwiye kugira uri kumwe n’abo mudasangiye igitsina, ng’iyi ingingo ngenderwako nziza wokurikiza: Nimba utipfuza ko abavyeyi bawe bakubona uriko urakora ikintu kinaka, ntukwiye rero kugikora.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 22]

Kwisuka mu vyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka urwawe ni ugukoresha nabi ingabirano Imana yaguhaye. Ni cokimwe no gufata igicapo ciza cane umuntu yaguhaye ukagishira imbere y’umuryango kugira ngo abantu baze baracihanaguzako imbere yo kwinjira mu nzu