Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wobeshwaho na bike

Ingene wobeshwaho na bike

Ingene wobeshwaho na bike

KUGIRA ngo ushobore kubeshwaho na bike bisaba ko utegekanya ibintu witonze. Yezu yarashimitse ku vy’uko ico kintu gikenewe. Yabajije ati: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka, ngo arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza?” (Luka 14:28, 29) Mu gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako, urashobora “[gu]harura ivyosohoka” mu bijanye no kubeshwaho n’uburyo ufise mu gihe wogira urutonde rw’ingene ukoresha amahera. None ivyo bigirwa gute? Gerageza iki kintu:

Igihe uzanye i muhira amahera waronse, nuyagabure mu mice itandukanye izogufasha kuriha ivyo ukeneye ubu canke ivyo uzokenera muri kazoza. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 8.) Igihe umaze kugira urutonde rw’ingene ukoresha amahera yawe, urashobora kubona iyo amahera yawe aja be n’ukuntu ayo ukoresha ku bintu bidahambaye angana. Ivyo bizoca bigufasha kumenya aho wogabanya.

Kugira ngo ugire urutonde rw’ingene wokoresha amahera ruhuye n’uko ivyawe vyifashe, nushire mu ngiro ivyiyumviro bikurikira.

Nusume ubigiranye ubukerebutsi

Igihe Raúl yakurwa mu kazi, umukenyezi wiwe Bertha yarahinduye ukuntu yasuma. Avuga ati: “Nararondera aho baba bagabanije ibiciro be na mwene ya mamangazini umuntu aguramwo ikintu kimwe bagaca bamwongera ikindi nk’ico.” Ng’ibi ibindi vyiyumviro:

Nutegekanye ibifungurwa uzoteka mu ndwi ufatiye ku biba bizimbutse.

Aho kugura imfungurwa zamaze gutegurwa, nugure ibifungurwa bibisi maze uvyitekere.

Igihe ibintu bizimbutse, nugure vyinshi maze ubibike.

Nugure vyinshi igihe bizimbutse, mugabo wiyubare ntugure ibintu birenze urugero vyohava vyononekara.

Nuziganye amahera ku vyambarwa, mu kugura mw’isoko mwene za mpuzu ziba zarambawe mugabo zikimeze neza.

Nufate urugendo uje gusumira ahantu ibintu bizimbutse, nimba rutazogutwara uduhera twose wari kuziganya uguze ivyo bintu bizimbutse.

Nugabanye incuro uja gusuma. *

Niwandike urwo rutonde ku rupapuro

Fred avuga ati: “Kubera ko twabwirizwa kugira urutonde rw’ingene dukoresha amahera, naguma nandika amahera twaba dukeneye kuriha ubwo nyene be n’ayo twaba dukeneye kuzokoresha muri ukwo kwezi.” Umukenyezi wiwe Adele yongerako ati: “Naba nzi neza amahera nkoresha igihe naba ngiye kw’isoko. Rimwe na rimwe igihe naba nkeneye kugira ico nguriye abana canke kugura ikintu co mu nzu, nararaba kuri nya rutonde maze nkazirikana nti: ‘Nta mahera akwiye mfise yo kukigura, tubwirizwa rero kurindira gushika mu kwezi gukurikira.’ Kugira urutonde rwanditse ni co kintu camfashije!”

Imbere yo kugira ico uguze, niwiyumvire

Nugire akamenyero ko kwibaza uti: ‘Noba vy’ukuri nkeneye iki kintu? Ico nari mfise coba koko gishaje, canke nigombera gusa gishasha?’ Nimba utazoza urakoresha ikintu kenshi, ubwo kugikota ntivyoba bihagije? Canke nimba ubonye ko uzoza uragikoresha kenshi, ubwo ntivyofasha uguze icakoze mugabo kikimeze neza?

Naho bimwebimwe muri ivyo bintu duhejeje kuvuga bishobora gusa n’ibidahambaye, birashobora kugira ico biterereye! Iciyumviro kirimwo ni ic’uko ugize akamenyero ko kuza uraziganya ku bintu bisaba amahera makeyi, uzobigenza gutyo nyene igihe hazoba hageze ko ugura ibintu bisaba amahera menshi.

Nube umuntu azi kuziganya

Kugira ngo ugabanye amahera ukoresha ku bintu bidahambaye, nube umuntu yiyumvira utuntu dushasha yokora. Nk’akarorero, Adele yigana ati: “Twari dufise imiduga ibiri mugabo duca twihutira kwikurako umwe maze tukaza turajana n’abandi. Kugira ngo tugabanye amahera twagura ibitoro, twarategekanya gukora ibintu vyinshi bishoboka igihe cose twaba dufashe urugendo. Twariyemeje gukoresha amahera ku vyo twaba dukeneye gusa.” Ibi bikurikira ni bimwebimwe mu bintu vyogufasha kuba umuntu azi kuziganya:

● Tunganya umurima maze utere imboga zawe bwite.

● Nukurikize ubuyobozi bujanye no kubungabunga ibikoresho butangwa n’ababikoze, ivyo bikaba bishobora gutuma ibikoresho vyawe biramba.

● Ugishika i muhira nuce uhindura impuzu zawe nziza, ico kikaba ari ikintu kizotuma zimara igihe kirekire zigikomeye.

Ntiwikumire!

Abantu benshi bakurwa mu kazi usanga baca bikumira. Mugabo ukwo si ko Fred yabigize! Umuryango wiwe waramushigikiye ubigiranye ikibabarwe, harimwo n’abana biwe bakuze. Avuga ati: “Twarize kuza turayaga cane, kandi ivyo vyatumye turushiriza kwegerana. Twese twabona yuko ‘iyo ngorane tuyisangiye.’ ”

Fred yarakomejwe kandi n’abakirisu bagenziwe igihe yaza arahurira na bo ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Igihe amakoraniro ya gikirisu twagira yaba arangiye, nama numva ndemye. Bose baratugaragariza umutima mwiza cane kandi bakatwitwararika. Kubera ko badufashije bakongera bakaduhumuriza, twarabonye yuko tutari twenyene.”—Yohani 13:35.

Ivyiza biva ku kwizera

Ubushomeri bwaratumye abantu amamiliyoni bagirira umujinya abahora babakoresha bongera barabona ko babahemukiye. Raúl, umwe twamara kuvuga, yaravunywe umutima no kuba yarakuwe mu kazi incuro zibiri atari avyiteze, incuro ya mbere hakaba hari mu gihugu ciwe c’amavukiro ari co Peru, ubwa kabiri na ho hakaba hari mu gisagara ca New York. Raúl amaze gukurwa mu kazi irigira kabiri, yashitse kuri iki ciyumviro: “Mw’isi ya kino gihe, nta kintu na kimwe kidashobora guhinduka.” Yamaze amezi n’ayandi ataronka akazi. None ni igiki camufashije kwihangana? Raúl yavuze ati: “Nari naragiraniye n’Imana ubugenzi somambike kandi naratahura yuko kugira ngo ntekanirwe vy’ukuri nari nkeneye gusa kuyizigira.”

Raúl ni Icabona ca Yehova, kandi ukuba yarize Bibiliya vyaramufashije kwizera bimwe bikomeye Umuvyeyi wo mw’ijuru yitwararikana, uwusezerana ati: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” (Abaheburayo 13:5) Ntihari aho gutuma umwana. Avuga ati: “Twama dusenga dusaba ibintu vy’ishimikiro twaba dukeneye, kandi twarize guhimbarwa n’ivyo Imana yaba iduhaye.” Umugore wa Raúl ari we Bertha yongerako ati: “Vyarashika ngahagarika umutima cane, nibaza nimba Raúl yoronse akazi. Mugabo twarabonye ko Yehova yishura amasengesho yacu mu kuturonsa ivyo twaba dukeneye ku musi ku musi. Naho tutari dufise ibintu vyinshi nk’ivyo twahorana, hari ukuntu ubuzima bwacu bwarushirije kuba ubworoshe.”

Kubera ko Fred ari Icabona ca Yehova, ukuba yariga Bibiliya vyaragize ikintu kinini bikoze ku kuntu yavyifashemwo. Avuga ati: “Birashika tukaronderera ugutekanirwa mu kazi, mu giti dufise, canke mu mahera twabikije muri banki. Mugabo naratahuye yuko ata handi dushobora kuronkera ugutekanirwa atari kuri Yehova Imana, kandi ubugenzi dufitaniye na we ni bwo gusa butuma turonka ugutekanirwa nyakuri.” *

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 13 Icigwa kimwe cagizwe cerekanye yuko hafi ibice 60 kw’ijana vy’ibintu vyose abantu bagura bataba babitegekanije.

^ ing. 30 Nimba wipfuza ayandi makuru ajanye n’ukuntu wokoresha neza amahera, raba ikinyamakuru cacu kigenzi c’iki, ari co Umunara w’Inderetsi, co ku wa 1 Myandagaro 2009, urupapuro 10-12.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

“Twama dusenga dusaba ibintu vy’ishimikiro twaba dukeneye, kandi twarize guhimbarwa n’ivyo Imana yaba iduhaye”

[Uruzitiro/Igicapo ku rup. 8]

Ingene wotunganya urutonde rw’amahera ukoresha

(1) Niwandike ibintu vya nkenerwa ukenera kugura buri kwezi. Mu kiringo c’ukwezi kwose nugume wandika amahera yose ukoresha ku bifungurwa, ku buraro (yaba ayo utanga mu gupanga canke ayo uza urariha ingurane watse), ku mafagitire y’umuyagankuba n’amazi, ku muduga, no ku bindi nk’ivyo. Ku bijanye n’amahera y’amafagitire uriha buri mwaka, nuyagabure na 12 kugira ngo umenye ayo woziganya buri kwezi.

(2) Amahera ukoresha nuyagabure mu mice itandukanye. Muri iyo mice harimwo uwujanye n’ibifungurwa, uburaro, amahera yo gukoresha ku vyerekeye umuduga be n’ingendo, n’ibindi n’ibindi.

(3) Mu mahera waziganije numenye ayo utegerezwa gukoresha ku muce umwumwe wose buri kwezi. Ku bijanye n’amafagitire arihwa buri mwaka, utegerezwa ‘guharura’ ayo ukeneye kuza urabika uko ukwezi guheze.

(4) Niwandike amahera yose abo mu rugo rwawe bose bazana. Nukuremwo amahera yose utegerezwa gusohora, nk’akarorero ay’amatagisi. Amahera asigaye nuyagereranye n’ivyo muzokenera kugura.

(5) Ku kwezi ku kwezi nushire ku ruhande amahera uzokenera gukoresha ku muce umwumwe wose. Nimba ukoresha amahera abona, uburyo bworoshe wokoresha ni ukwandika umuce umwumwe wose kw’ibahasha ryawo. Maze uko haciye ukwezi nuze urashira mw’ibahasha ijanye n’umuce munaka amahera abona akenewe ku bw’uwo muce.

Uragaba: Nimba utora ibintu kw’ideni, nubigire wiyubara! Abantu benshi barononye urutonde bagize rw’ukuntu bakoresha amahera kubera yuko barondeye kugura ibintu vyose bashaka ngo ni uko gusa bemererwa kubitora kw’ideni.

[Igicapo]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Ayinjira ku kwezi yose hamwe

UMUSHAHARA URONKA KU KWEZI Fr․․․․․ AYANDI Fr․․․․․

IMISHAHARA Y’ABANDI BO MU RUGO Fr․․․․․ AYINJIRA YOSE HAMWE

Fr․․․․․

Ayazokoreshwa Ayakoreshejwe

Ku kwezi Ku kwezi

Fr․․․․․ Gupanga canke kuriha ingurane watse Fr․․․․․

Fr․․․․․ Soransi/Amatagisi Fr․․․․․

Fr․․․․․ Amafagitire y’umuyagankuba n’amazi Fr․․․․․

Fr․․․․․ Ibijanye n’umuduga Fr․․․․․

Fr․․․․․ Ukwisamaza / Ingendo Fr․․․․․

Fr․․․․․ Telefone Fr․․․․․

Fr․․․․․ Ibifungurwa Fr․․․․․

Fr․․․․․ Ibindi Fr․․․․․

AYAZOKORESHWA YOSE HAMWE AYAKORESHEJWE YOSE HAMWE

Fr․․․․․ Fr․․․․․

Gereranya ayinjira n’ayasohoka

AYINJIRA KU KWEZI YOSE HAMWE Fr․․․․․

GUKURAMWO− AYASIGARA

AYASOHOKA KU KWEZI Fr․․․․․ Fr․․․․․