Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Abatumva barungukira ku kwiga Bibiliya”

“Abatumva barungukira ku kwiga Bibiliya”

“Abatumva barungukira ku kwiga Bibiliya”

IKIGANIRO cari gifise uwo mutwe-shimikiro casohowe mu kinyamakuru kimwe, kikaba cari kigenewe abatumva bo muri Repubulika y’Abaceke. Uwanditse ico kiganiro ari we Zdeněk Straka, yarashimagije Ivyabona vya Yehova bize ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo bafashe abatumva.

None ni igiki catumye umushingantahe Straka yandika ikiganiro nk’ico? Mu ci ryo mu 2006, yaritavye ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Prague, aho iyo porogarama yahinduwe mu rurimi rw’ibimenyetso kugira ngo abatumva bashika 70 bari ng’aho bayungukireko. Uko umwaka utashe, Ivyabona vya Yehova baratunganya amahwaniro hirya no hino kw’isi kugira ngo batange inyigisho ishingiye kuri Bibiliya no kugira ngo bakomeze bagenzi babo. Muri abo harimwo n’abatumva. Mu mwaka umwe wa vuba, amahwaniro 96 muri ayo yagizwe mu rurimi rw’ibimenyetso gusa hirya no hino kw’isi, mu bindi bibanza 95 na ho, iyo porogarama ikaba yarahinduriwe abatumva.

Igihe iryo hwaniro ryabera i Prague, ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryo muri ico gisagara ryigisha Bibiliya abantu batumva bashika 30. Abatumva biga Bibiliya barungukira ku vyo biga, nk’uko iki kintu cabaye kivyerekana.

Uwitwa Markéta aragira urugendo rw’ibilometero birenga 100 buri ndwi agiye kwigana Bibiliya n’umukenyezi umwe atumva akomoka muri Mongoli. Ururimi rw’ibimenyetso rukoreshwa muri Repubulika y’Abaceke ruratandukanye cane n’urukoreshwa muri Mongoli, akaba ari co gituma Markéta akeneye kuba umuntu azi guhuza n’ukuntu ibintu vyifashe kugira ngo atume uwo bigana Bibiliya atahura ivyo baba bariko bariga. Yamara, utwigoro Markéta agira ntitwabaye impfagusa. Kubera ko uwo yigana na Markéta yari afise imbanyi igira kabiri, yari yariyumviriye ivyo kuyikorora, mugabo yaciye yisubirako. Markéta avuga ati: “Igihe namubaza icatumye yisubirako, yishuye mu bimenyetso ati: ‘Yehova ntiyemera ivyo gukorora inda.’ Narahimbawe no kubona ko atahura ukuntu Imana ibona ubuzima!” *

Kw’isi yose, abantu benshi batumva bariko bararonka ubumenyi butarimwo amakosa bwerekeye Imana mu kwiga Ijambo ryayo. Uko barushiriza kwiyegereza Imana yabo bakongera bakarushiriza kugira umunezero mu buzima, ubuzima bwabo burarushiriza kumera neza.—Yesaya 48:17, 18.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Nimba ushaka ayandi makuru ajanye n’ukuntu Bibiliya ibona ivyo gukorora inda, raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Ruheshi 2009, urupapuro 3-9.

[Uruzitiro ku rup. 10, 11]

WOBA WARI UBIZI?

● Ivyabona vya Yehova barasohora mu ndimi z’ibimenyetso 43 amaporogarama yafashwe ku tudisiki twitwa DVD. Amayagwa agenewe abatumva urashobora kandi kuyasanga ku muhora wa Internet witwa www.pr418.com, kandi urashobora kuyavoma.

● Kugira ngo Ivyabona vya Yehova baronse abatumva ibisohokayandikiro vyinshi, baratunganije hirya no hino kw’isi imigwi 59 ihindura mu rurimi rw’ibimenyetso.

● Kw’isi yose hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova akoresha ururimi rw’ibimenyetso arenga 1.200.

[Igicapo ku rup. 10]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

www.pr418.com