Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri

Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri

Christina yaratangaye cane! Yari ahejeje gutora isashe yirabura irimwo amahera menshi cane, akaba yangana n’amahera yohembwa imyaka irenga 20 ufatiye ku mushahara wiwe! Yari azi uwayataye. None yari gukora iki? Iyo aba wewe, wari gukora iki? Inyishu utanga kuri ico kibazo irerekana ingene ubona ibijanye n’ukuba umuntu azira ubugunge n’umwiyemezo ufise wo kwisunga uwo muco runtu.

Imico runtu ni iki? Ni ibintu tubona ko ari vyiza be n’uko bihambaye bigenga inyifato runtu canke inyifato ibereye. Muri ivyo bintu harashobora kujamwo ukubabarira abandi, kuba umuntu azira ubugunge, ukwubaha ubuzima, urukundo no kwigumya. Imico twisunga iragira rero ico ikoze ku nyifato yacu, ku vyo dushira imbere no ku migenderanire tugiranira n’abandi, hamwe no ku ndero runtu dutoza abana bacu. Ariko rero, naho imico runtu ihambaye, iriko iratituka.

UGUTITUKA KW’IMICO RUNTU

Mu 2008, abashakashatsi bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barabajije urwaruka amajana n’amajana rumaze kugera mu bigero ingene rubona ibijanye n’inyifato runtu. Uwitwa David Brooks yavuze mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) ati: “Ikibabaje ni ukuntu biyumvira buhoro ibijanye n’inyifato runtu kandi bakabicisha mu kanwa gake.” Abenshi bavuze ko kwica no gufata umuntu ku nguvu ari bibi, ariko “uretse ivyo bibi bikomeye, ku bindi bintu ntibigeze biyumvira icoba kibereye canke kitabereye, mbere n’igihe [bariko] bavuga nk’ivyerekeye gutwara umuduga wanyoye, ukwiba inyishu kw’ishure canke kurabira ku wundi munyeshure.” Uwukiri muto umwe yavuze ati: “Akenshi sinitaho kumenya  ikibereye n’ikitabereye.” Abenshi bisunga iki ciyumviro: ‘Nimba wiyumvamwo ko ikintu kanaka kibereye, gikore. Umvira umutima wawe.’ None kwiyumvira gutyo vyoba biranga ubukerebutsi?

Naho umutima w’umuntu ushoboye kugira urukundo rukomeye n’impuhwe nyinshi, urashobora no kuba ‘umuhemu na mubi cane.’ (Yeremiya 17:9) Ico kintu kibabaje kirabonekera ku kuntu inyifato runtu igenda irahinduka muri iyi si, ico kikaba ari ikintu Bibiliya yari yaravuze. Haheze igihe kinini ivuze yuko mu “misi ya nyuma” abantu bobaye “ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona,” “batiyumvamwo ababo [n’]inkazi.” Vyongeye, bobaye “badakunda iciza,” “bakunda ibinezereza aho gukunda Imana.”2 Timoteyo 3:1-5.

Ivyo bikwiye gutuma tudapfa kwemera ivyo umutima wacu utubwiye vyose! Nkako, Bibiliya ivuga idacisha ku ruhande iti: “Uwizigira umutima wiwe bwite ni ikijuju.” (Imigani 28:26) Ico canditswe kirerekana yuko umutima wacu ukwiye kwisunga imico ibereye niba dushaka ko utuyobora neza. None ni hehe twokura imico mwene iyo? Abenshi bayironderera muri Bibiliya kubera ko ico gitabu kirimwo ubukerebutsi kandi kivuga ibintu kidacisha ku ruhande.

IMICO RUNTU TWOKWIZIGIRA

Uravye imico myiza Bibiliya yigisha, uca abona ko ihuje neza n’ivyo abantu bakeneye. Rimbura izi kamere nkeyi mu zo Bibiliya ituremesha gutsimbataza: urukundo, ubuntu, ugutanga be n’ukuba umuntu azira ubugunge.

Gukunda abandi.

Igitabu kimwe (Engineering Happiness—A New Approach for Building a Joyful Life) kivuga giti: “Niba ukunda abandi, ntuzobura kugira agahimbare.” Biragaragara yuko twebwe abantu dukeneye urukundo. Urukundo rubuze, ntitwoshobora guhimbarwa vy’ukuri.

Ico Bibiliya ibivugako: “Mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” (Abakolosayi 3:14) Uwanditse ayo majambo yavuze kandi ati: “Ntagira urukundo, noba ndi ubusa.”1 Abakorinto 13:2.

Urwo rukundo ntirushingiye ku vy’igitsina canke ngo rube ibishobisho gusa; rugengwa n’ingingo ngenderwako. Ni urukundo rutuma dufasha uwo tutazi ari mu ngorane, tutiteze ko hari ico na we azoduha. Mu 1 Abakorinto 13:4-7, dusoma duti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, . . . rwihanganira vyose.”

Igihe mwene urwo rukundo rubuze mu muryango, bose barahabonera, na canecane abana. Umukenyezi yitwa Monica yanditse avuga ko igihe yari umwana, yagiriwe nabi ku mubiri, ku mutima no mu vy’igitsina. Yavuze ati: “Nabona ko ata wunkunda kandi nari nihebuye.” Igihe yari afise imyaka 15, yaciye aja kuba kwa sekuru na inakuru, bano bakaba bari Ivyabona vya Yehova.

Monica yavuze ati: “Naho nari mfise amasoni, mu myaka ibiri nabanye na bo, baranyigishije kuba umuntu ayagisha abandi, abakunda, kandi abitaho. Baramfashije kuba umwigeme yiyubashe.” Ubu Monica yarubatse urwiwe kandi arahimbawe; we n’umugabo  wiwe be n’abana babo batatu baragaragariza abandi urukundo mu kubabwira ubutumwa bwo muri Bibiliya.

Kimwe mu bintu bidashoka vyibonekeza bibangamira urukundo ni uguhahamira amaronko, ukwo na kwo kukaba ari ukwiyumvira ko gutunga ibintu vyinshi ukongera ukiryohera ari vyo bihambaye cane mu buzima. Ariko rero, ivyigwa vyinshi vyagizwe birerekana ko bitangaje kubona n’iyo uwari afise bike agwije ubutunzi bidaca bituma arushiriza guhimbarwa. Nkako, abantu bashira imbere amaronko mu vy’ukuri boshobora gusanga bariko bikwegera ukubura umunezero, kandi ico ciyumviro Bibiliya iragishigikira. Mu Musiguzi 5:10 havuga hati: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.” Bibiliya ivuga kandi iti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera.”Abaheburayo 13:5.

Ubuntu be n’ugutanga.

Ikiganiro casohowe n’ikigo kimwe co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (The Greater Good Science Center at the University of California, Berkeley) cavuze giti: “Ubwo ntivyoba bihimbaye iyaba umuntu yoja mw’iduka akagura akanyamuneza azokwamana? Naho ico kintu womengo ni ugushikuza, kirashoboka mu gihe ikintu cose ugura uba ukiguriye uwundi muntu.” None ivyo bisigura iki? Bisigura ko gutanga bizana agahimbare kuruta guhabwa.

Ico Bibiliya ibivugako: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”Ivyakozwe 20:35.

Akenshi usanga ukwitanga ari bwo buryo bwo gutanga bwiza kandi buvamwo ivyiza kuruta ubundi bwose. Ivyo tubigira mu gutanga umwanya wacu n’inguvu zacu. Nk’akarorero, hari umugore yitwa Karen yabonye inabibondo umwe be n’abakobwa biwe babiri bicaye mu muduga wari wabapfanye. Uwo inabibondo be n’umwe muri abo bakobwa bari bagiye gufata indege; mugabo uwo muduga wabo wari wanse kwaka, itagisi bari bahamagaye na yo ikaba yari yatevye kubashikira. Karen yaciye abasaba kubunguruza, naho gushika ku kibuga c’indege vyasaba iminota 45. Baremeye arabunguruza. Karen agarutse, yarabonye wa mukobwa wundi yicaye mu modoka, arindiririye kuri parikingi.

Nya mukobwa yavuze ati: “Ndindiriye umugabo wanje.”

Karen yamwishuye ati: “Ni vyiza, ndahimbawe no kubona ata ngorane wagize. Nanje ngiye gukora mu busitani bwo ku Ngoro y’Ubwami, aho dusengera.”

Nya mukobwa aca amubaza ati: “Uri Icabona ca Yehova?”

Karen ati: “Egome,” gutyo ikiyago kiba kiratanguye.

Haciye indwi nkeya, Karen yararonse ikete. Ryarimwo amajambo agira ati: “Jewe na mawe ntituribagira igikorwa ciza wadukoreye. Waratumye bishoboka ko dufata indege! Mwene wacu yaratubwiye ko uri Icabona ca Yehova, duca turatahura icatumye udufasha. Jewe na mawe turi Ivyabona vya Yehova, mugabo jewe sinkibigirira umwete. Ariko ngiye kwisubirako vuba!” Karen yarumvise aryohewe cane no kubona yari yarafashije abo bantu babiri basangiye na we ukwizera. Yavuze ati: “Narakoroye amosozi.”

Umwanditsi umwe yitwa Charles D. Warner yanditse ati: “Kimwe mu bintu vyiza umuntu  aronka mu buzima ni uko iyo agerageje gufasha uwundi muntu bivuye ku mutima yama asanga na we yifashije.” Ivyo ni ko biri kubera ko Imana itaremye abantu ngo bagire ubwikunzi, ahubwo yabaremye kugira ngo bagaragaze kamere zayo nziza.Itanguriro 1:27.

Kuba umuntu azira ubugunge.

Uwo muco runtu ni ntahara mu kibano ico ari co cose giteye imbere. Ubugunge canke ukutavuga ukuri biratuma abantu bagira ubwoba, ntibizigirane, bikongera bigatuma ikibano gitituka.

Ico Bibiliya ibivugako: “Ni nde azoba umushitsi mw’ihema [ry’Imana]?” Inyishu igira iti: “Ni uwugenda ata mahinyu . . . kandi akavuga ukuri mu mutima wiwe.” (Zaburi 15:1, 2) Egome, kuba umuntu azira ubugunge vy’ukuri, cokimwe n’izindi kamere twasuzumye, ni kamere y’imbere mu muntu. Si kamere agaragaza mu bihe bimwebimwe gusa canke igihe abona ko hari akarusho vyomuzanira.

Woba wibuka Christina umwe yatora isakoshi yuzuye amahera? Icipfuzo yari afise mu mutima ntikwari ukwironkera ubutunzi, ariko kwari uguhimbara Imana. Igihe rero nyeneyo yagaruka yataye umutwe, Christina yaramubwiye ko yari yamutoreye amahera. Yaratangaye abonye ukuntu uwo mukenyezi yari umuntu azira ubugunge. N’umukoresha wa Christina yaratangaye kuko mu nyuma yahavuye amuduza igiti, amushinga guhagarikira ubushinguro bw’ibidandazwa vyiwe, iryo rikaba ari ibanga rishingwa umuntu w’umwizigirwa cane. Ese ukuntu amajambo ari muri 1 Petero 3:10 ari ay’ukuri, ayagira ati: “Uwushaka gukunda ubuzima no kubona imisi myiza, . . . iminwa yiwe [n]ayirinde kuvuga ivy’ubuhendanyi.”

‘NUGENDERE MU NZIRA Y’ABEZA’

Imico runtu Bibiliya yigisha irerekana ko Umuremyi wacu adukunda cane kuko iyo mico idufasha “[ku]gendera mu nzira y’abeza.” (Imigani 2:20; Yesaya 48:17, 18) Iyo twisunze ubwo buyobozi, tuba natwe twerekanye ko dukunda Imana kandi turahakura ivyiza vyinshi. Nkako, Bibiliya itanga umuhango ugira uti: ‘Nugumye inzira [y’Imana], na yo izogushira hejuru wigarurire isi. Ababisha nibarandurwa, uzobibona.’Zaburi 37:34.

Ni vyo, kazoza ni keza ku bisunga ivyo Bibiliya ibasaba, kuko bazobaho mu mahoro mw’isi izoba itakirangwamwo ububisha! Mu vy’ukuri, birabereye ko tubaho twisunga imico runtu Bibiliya yigisha.