Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene wokoresha neza umwanya wawe

Ingene wokoresha neza umwanya wawe

“Umwanya urandiye basha!” Ni kangahe umaze kuvuga ayo majambo? Twovuga ko umwanya utuma twese tungana, kuko yaba umutunzi canke umukene bose bafise umwanya ungana. Vyongeye, nta n’umwe muri bo ashobora kuwubika. Ugiye uba ugiye. Vyiza rero twokwiga gukoresha neza umwanya dufise. Twobigenza gute? Rimbura ibintu bine vyafashije abatari bake gukoresha neza umwanya wabo.

Ica 1: Nube umunyarutonde

Nushinge ivyoza imbere. Bibiliya iduhanura iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Nutegure urutonde rwerekana ibikorwa bihambaye canke vyihutirwa, canke urwerekana vyompi, ivyo ubigire wibuka yuko ikintu gishobora kuba gihambaye mugabo kitihutirwa, nk’akarorero kuja gusuma. Vyongeye, ikintu gisa n’icihutirwa coshobora kuba kidahambaye, nk’akarorero kudatangwa n’ikiganiro ukunda co ku mboneshakure. *

Tegekanya ibintu imbere y’igihe. Mu Musiguzi 10:10 hagira hati: “Iyo igikoresho c’icuma gipfushe ntihagire uwukarisha ubugi bwaco, azoherezako rero inkomezi ziwe. Nuko rero, gukoresha ubukerebutsi ukaroranirwa bivamwo akarusho.” Ayo majambo atwigisha iki? Nukarishe icuma cawe; mu yandi majambo, nutegekanye ibintu imbere y’igihe kugira ngo ukoreshe neza umwanya wawe. Nube urigiza inyuma ibikorwa bidahambaye canke uvyihoze, narirya ata kintu kinini bivamwo atari ukukumarira umwanya n’inguvu. Bishitse ukaronka umwanya wiyongereye kubera ibikorwa wari ufise vyarangiye, ubona gute uciye uba urakora ibikorwa wari wategekanije gukora mu nyuma? Gutegekanya ibintu imbere y’igihe bituma ukora vyinshi, nka kurya bigenda igihe umukozi w’inkerebutsi akarihije icuma ciwe.

Niworoshe ubuzima bwawe. Niwige kwihoza ibintu bidahambaye canke ata kintu kinini bishikako atari ukukumarira umwanya. Kugira ibikorwa n’amasango vy’umurengera birashobora gutuma ushuha umutwe atari ngombwa, bigatuma utakaza n’umunezero.

 Ica 2: Niwirinde ibisuma vy’umwanya

Kuba nzobandabikora no kudafata ingingo. “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.” (Umusiguzi 11:4) Ayo majambo atwigisha iki? Kuba nzobandabikora biratwiba umwanya kandi bigatuma dukora bike. Hamwe umurimyi yorindira gushika vyose vyifashe uko yipfuza, vyoshobora gutuma atigera abiba canke ngo yimbure. Mu buryo nk’ubwo nyene, kuba tutazi ico buca bucana vyoshobora gutuma tudafata ingingo. Hari n’igihe twobona ko dutegerezwa gufata ingingo ku kintu kinaka ari uko tubanje kuronka amakuru yose acerekeye. Ni ivy’ukuri yuko dukeneye gutohoza no kwiyumvira twitonze imbere yo gufata ingingo zihambaye. Nakare, mu Migani 14:15 havuga hati: “Umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” Ariko tuvugishije ukuri, hari ingingo nyinshi biba ngombwa ko dufata naho tutaba tuzi ingene vyose bizogenda.Umusiguzi 11:6.

Gushaka ko vyose biba ibitagira agatosi. Muri Yakobo 3:17 havuga hati: “Ubukerebutsi buva hejuru [ku Mana] . . . bugira ibitegereka.” Ego ni ko, kwipfuza gukora ibintu neza ni ikintu ciza! Ariko rimwe na rimwe, turashobora kwipfuza gukora ibintu neza cane ku buryo dushobora gusanga tuvunitse umutima canke mbere ntihagire ico dushikako. Nk’akarorero, umuntu ariko ariga urundi rurimi ategerezwa kwitega gukora amakosa, agatahura ko bizogira ico bimwigishije. Ariko umuntu yipfuza ko vyose biba ibitagira agatosi arashobora gutinya ko yohava avuga ikintu ukutari ko, ivyo bikaba vyotuma ateba kumenya urwo rurimi. Icorushiriza kuba ciza ni uko twoba abantu bifata ruto mu vyo twitega gushikako. Mu Migani 11:2 hagira hati: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” Vyongeye, abifata ruto kandi bicisha bugufi ntibibabara birenze urugero; birashika mbere bakitwenga.

“Mu vy’ukuri, ibintu ntitubigura amahera. Tubigura umwanya.”—Igitabu citwa What to Do Between Birth and Death

 Ica 3: Niwirinde kurenza urugero kandi ntiwitege ibidashoboka

Nukore ariko kandi wiruhure. “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” (Umusiguzi 4:6) Akenshi, abantu batwawe n’akazi bariyima akanya ko kunezererwa ibiva mu “mashi abiri y’igikorwa c’ubutame” bwabo. Bariyahagura ntihagire n’umwanya canke utuguvu basigarana. Ibinebwe vyovyo bihitamwo “amashi abiri” y’akaruhuko bigapfisha ubusa umwanya w’agaciro. Bibiliya ituremesha gukora ibintu mu buryo buri ku rugero, tugakora cane ariko kandi tukanezererwa ibiva mu gikorwa cacu. Kunezererwa igikorwa cacu ni “ingabirano y’Imana.”Umusiguzi 5:19.

Ntiwiyime agatiro. Umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ati: “Nzokwiryamira nisinzirire mu mahoro.” (Zaburi 4:8) Muri rusangi, abakuze bakenera gusinzira amasaha nk’umunani kugira ngo umubiri wabo n’ubwenge bwabo bikore neza no kugira bamererwe neza mu mutima. Ku bijanye n’ubwenge bwacu, gusinzira biradufasha gukoresha neza umwanya kuko bituma dushobora kwitunira ku vyo turiko turakora bikongera bigakarisha ubushobozi bwacu bwo kwibuka, gutyo kwiga bigaca bitworohera. Ariko kudasinzira bihagije bituma kwiga bitugora bikongera bigatuma haba amasanganya, ukwihenda n’ugukaza ishavu.

Niwishingire imigambi ushobora gushikako. “Kubonesha amaso biruta kwangaza umutima.” (Umusiguzi 6:9) Ivyo bishaka kuvuga iki? Umuntu w’inkerebutsi ntabaho akurikira ivyipfuzo gusa, na canecane ivyipfuzo bigoye gushikako canke bidashoboka. Ntaheza rero ngo ahendwe n’amahayanishwa y’urwenge canke ngo apfe kurya amadeni. Ahubwo riho, ariga kubumbwa n’ivyo “[a]bonesha amaso,” ni ukuvuga ivyo ashobora vy’ukuri kuronka.

 Ica 4: Nuyoborwe n’imico myiza

Suzuma imico wisunga. Imico wisunga iragufasha kumenya ikibereye, igihambaye n’igifise akamaro. Tugereranije ubuzima bwawe n’umwampi, twovuga ko imico wisunga igufasha gutumbereza neza ubuzima bwawe. Imico myiza rero iragufasha kumenya ibikwiye kuja imbere mu buzima no gukoresha neza umwanya wawe ku musi ku musi n’isaha ku yindi. None imico nk’iyo woyikura hehe? Abantu benshi bayironderera muri Bibiliya kuko babona ko irimwo ubukerebutsi ntangere.Imigani 2:6, 7.

Urukundo rube ari rwo canecane wisunga. Mu Bakolosayi 3:14 havuga ko urukundo “ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” Ntidushobora guhimbarwa vy’ukuri canke ngo twumve dutekanye mu mutima tudafise urukundo, na canecane mu muryango. Abirengagiza ico kintu, kumbure bagashira imbere akazi canke amaronko, baruhira kubura agahimbare. Ntibitangaje kubona Bibiliya yerekana ko urukundo ari co kintu nyamukuru twokwisunga, ikaba iruvuga incuro amajana.1 Abakorinto 13:1-3; 1 Yohani 4:8.

Nurondere umwanya wo kwironsa ivyo ukeneye mu vy’Imana. Umugabo umwe yitwa Geoff yari afise umukenyezi akundana be n’abana babiri bahimbawe, akagira n’akazi keza k’umuganga atabara imbabare. Ariko rero, ako kazi katuma kenshi abona abamerewe nabi n’abapfa. Yaribajije ati: “None ubuzima ni uku nyene butegerezwa kumera?” Umusi umwe rero yarasomye ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova, aca araronka inyishu zimushika ku nyota.

Geoff yarasiguriye umukenyezi wiwe n’abana biwe ivyo yariko aramenya, na bo nyene baca bipfuza kumenya n’ibindi. Uwo muryango waciye utangura kwiga Bibiliya, bikaba vyaratumye ubuzima bwabo buba bwiza kuruta vyongera bituma barushiriza gukoresha neza umwanya wabo. Kwiga Bibiliya vyatumye kandi bagira icizigiro ciza igitangaza co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi izoba itakirangwamwo ibintu ataco bimaze canke imibabaro.Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ivyashikiye Geoff biratwibutsa ivyo Yezu Kristu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Woba woshima kurondera akanya ko kwironsa ivyo ukeneye mu vy’Imana? Tuvugishije ukuri, ico ni co kintu conyene kizotuma uronka ubukerebutsi bwo gukoresha neza umusi umwumwe wose, eka mbere n’ubuzima bwawe bwose.

^ par. 5 Raba ikiganiro kivuga ngo “Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye,” muri Be maso! yo muri Mukakaro 2010.