Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI WOBANDANYA KUBAHO?

Kubera ko hariho ivyogufasha

Kubera ko hariho ivyogufasha

“Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.”1 PETERO 5:7.

Igihe ubona ko ata co wokora kugira ivyawe birushirize kumera neza, woshobora kubona umengo wopfuma wipfira. Mugabo rimbura ibintu bimwebimwe bishobora kugufasha.

Isengesho. Isengesho si ikintu kidufasha gusa kwiyumva neza; eka kandi si ikintu dukoresha igihe twabuze ukundi tubigenza. Ni uburyo nyabwo bwo kuvugana na Yehova Imana, umwe atubabaye. Yehova aripfuza ko tumubwira ibituraje ishinga. Nkako, Bibiliya iduhimiriza iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.”Zaburi 55:22.

Ubona gute uyagiye Imana mw’isengesho uno musi? Nukoreshe izina ryayo Yehova, uyibwire ibiri ku mutima. (Zaburi 62:8) Yehova yipfuza ko umubona nk’umugenzi. (Yesaya 55:6; Yakobo 2:23) Isengesho ni uburyo bwo kuvugana na we ushobora gukoresha igihe ico ari co cose, aho woba uri hose.

Twisunze ibivugwa n’Ikigo co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika gikinga ivyo kwiyahura, “ivyigwa vyose vyagizwe birerekana ko benshi mu biyahura, nk’ibice 90 kw’ijana canke birenga, baba bafise ingorane y’amagara yo mu bwenge igihe biyahura. Ariko rero, akenshi izo ngorane ntizimenyekana ngo zisuzumwe na muganga canke ngo zivurwe neza”

Abantu bakubabaye. Ubuzima bwawe burafise agaciro ku bandi, harimwo abo mu muryango wawe canke abagenzi bawe bashobora kuba bamaze kwerekana ko barajwe ishinga n’ibikwerekeye. Mu bantu bakubabaye harimwo n’abo woba utarigera ubona. Nk’akarorero, igihe Ivyabona vya Yehova baba bari mu gikorwa cabo, rimwe na rimwe barahura n’abantu bataye umutwe, bamwe muri bo bakaba bavuga ko bakeneye rwose imfashanyo be n’uko bari bamaze kwiyumvira kwiyahura. Igikorwa bakora co kuvuga inkuru nziza inzu ku nzu kirabaha akaryo kadasanzwe ko gufasha abantu nk’abo. Ivyabona vya Yehova barigana akarorero ka Yezu mu kwitaho abantu. Na wewe barakubabaye.Yohani 13:35.

Abahinga mu vy’amagara. Kenshi uwiyumvira kwiyahura aba afise ingorane yo mu mutima, nk’akarorero indwara y’akabonge. Nta mvo yotuma uterwa isoni n’indwara yo mu mutima, nk’uko nyene utoterwa isoni n’indwara isanzwe y’umubiri. Nkako, akabonge kiswe ngo ni “ibicurane vyo mu mutima.” Birashobora gufata uwo ari we wese, kandi birashobora kuvurwa. *

NIWIBUKE IKI KINTU: Mu bisa- nzwe ntushobora kwikura mu cobo urimwo c’akabonge. Ariko hagize uwugufasha, vyoshoboka ko ukivamwo.

ICO USHOBORA GUKORA UBU: Nurondere umuganga azi kuvura ingorane zo mu mutima nk’akabonge.

^ par. 8 Ubonye ivyiyumviro bikomeye vyo kwiyahura bibandanije, nurondere aboshobora kugufasha, kumbure ibitaro canke ibigo bifasha abafise mwene izo ngorane. Abahakorera usanga barigishijwe ingene bofasha abantu.