Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Ibishusho

Ibishusho

Abantu benshi barakoresha ibishusho igihe baba bariko barasenga. Ariko none Bibiliya yoba ishigikira ivyo gukoresha ibishusho mu gusenga? Imana ibibona gute?

Abayuda b’abizigirwa ba kera boba barakoresha ibishusho mu gusenga?

“Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi. Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera.”Kuvayo 20:4, 5.

Ivyanditswe vy’igiheburayo, ibikunze kwitwa Isezerano rya kera, biriyamiriza ivyo gukoresha ibishusho mu gusenga

IVYO ABANTU BAVUGA

Igitabu kimwe ca Gatolika (New Catholic Encyclopedia) kivuga yuko Abayuda bari bafise ibishusho umuyoro bakoresha mu bijanye no gusenga. Ngo “barabitera iteka, bakavyubaha cane bakongera bakavyunamira.” * Nk’akarorero, ico gitabu kiravuga ibijanye n’amashusho akorogoshoye y’ivyamwa, y’amashurwe be n’ay’ibikoko yari asharije urusengero rw’i Yeruzalemu.1 Abami 6:18; 7:36.

ICO UKWIYE KUMENYA

Igihushanye n’ivyo ico gitabu ca Gatolika kivuga, Abayuda b’abizigirwa bobo ntibakoresha ibishusho mu gusenga. Nkako, nta nkuru n’imwe muri Bibiliya ivuga Umwisirayeli w’umwizigirwa yoba yarakoresheje igishusho mu gusenga.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana yavuze biciye ku musavyi wayo Yesaya iti: “Nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje, eka sinzoha ishemezo ryanje ibishusho bibajwe.”Yesaya 42:8.

 Abakirisu bo mu ntango boba barakoresha ibishusho mu gusenga?

“Urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana? . . . Mureke gukora ku gihumanye.”2 Abakorinto 6:16, 17.

“Abakirisu bo mu ntango ntibari kurota biyumvira gushira ibishusho aho basengera. Bari kubona ko kuvyunamira canke kubisenga ata ho bitandukaniye no gusenga ibigirwamana.”—Vyakuwe mu gitabu History of the Christian Church

IVYO ABANTU BAVUGA

Ca gitabu ca Gatolika kivuga kandi giti: “Ubu nta woharira ko abakirisu bo mu ntango bakoresha ibishusho mu gusenga.” Congerako giti: “Ibibanza vyo mu kuzimu bahambamwo abakirisu biruzuyemwo amashusho abakirisu bo mu ntango bakoresha. . . . Ivyumba vyeranda basengeramwo n’ivyo bahambamwo urabisangamwo mbere n’amashusho y’ibintu vyo mu migani n’ibitito.” *

ICO UKWIYE KUMENYA

Amashusho ya kera cane yabonetse muri ivyo bibanza vyo mu kuzimu bahambamwo, ni ayo mu kinjana ca gatatu. Yahinguwe haciye imyaka nka 200 Yezu apfuye. Ku bw’ivyo, abo ico gitabu ca Gatolika cita “abakirisu bo mu ntango” si abakirisu ba mbere na mbere, ari bo ba bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bavugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha. Ayo mashusho yabonetse muri ivyo bibanza bahambamwo, yerekana gusa ko mu kinjana ca gatatu abakirisu b’ikinyoma bari basigaye bigana abapagani mu gukoresha amashusho, kumbure mu ntumbero yo kurondera abanywanyi. *

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Muhunge ugusenga ibigirwamana.”1 Abakorinto 10:14.

Twoba dukwiye gukoresha ibishusho ngo bidufashe gusenga?

“Mwirinde ibigirwamana.”1 Yohani 5:21.

Bibiliya ntishigikira ivyo gukoresha ibishusho mu gusenga. Ni co gituma Ivyabona vya Yehova badaha icubahiro kidasanzwe ibishusho canke ngo bashire ibishusho bijanye n’ugusenga mu mazu yabo canke mu bibanza basengeramwo

IVYO ABANTU BAVUGA

Ca gitabu ca Gatolika kivuga giti: “Urashobora gusenga igishusho kurya nyene wosenga uwo kigereranya kubera ko ivyo uvuga mu kugisenga bishikira uwo kigereranya.”

ICO UKWIYE KUMENYA

Igihe Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga, ntiyababwiye ngo bifashishe ibishusho. Ivyo gukoresha ibishusho mu gusenga Imana y’ukuri nta ho biboneka mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”Matayo 4:10.

^ par. 7 Ico gitabu gisigura ko ukwunamira ibishusho ari “ikintu kijanye n’ugusenga.”

^ par. 13 Ayo mashusho arimwo n’ibishusho vy’ibibazano n’ibibumbano, ibimenyetso be n’ikindi kintu cose umuntu ashobora gukoresha mu gusenga.

^ par. 14 Amashusho yarakoreshwa mu Misiri, mu Bugiriki, mu Buhindi no mu bindi bihugu vyinshi vya kera.