Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YOBA IGIFISE AKAMARO?

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheKudahemuka

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igiheKudahemuka

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.”Abaheburayo 13:4.

IVYIZA BIVAMWO: Hari abantu biyumvira ko ayo majambo yataye igihe. Ariko barihenda cane! Ubuhemu n’ubu burababaza nk’uko nyene bwababaza igihe Bibiliya yandikwa.Imigani 6:34, 35.

Jessie ni umunega akaba na sebibondo. Yanditse ati: “Kudahemukira umukenyezi wanje vyatumye ubucuti bwacu bukomera cane, bituma tunahimbarwa cane. Emwe, kwizigirana birahambaye cane mu mubano. Ubuhemu buratuma mutaba mucizigirana.” Aho rero ntituvuze ingaruka bugira ku bana!

Ligaya * yarashize umubano wiwe mu kaga. Avuga ati: “Naratanguye kwifatanya n’abantu babi. Ivyo vyatumye nza ndajana na bo kwidagadura mu biteramo vy’ijoro, ntangura no guhemukira umugabo wanje.” Ubwo buzima bwoba bwaratumye ahimbarwa? Yama yashwanye n’umugabo, kandi nta munezero na mukeyi yari afise. Yongerako ati: “Igihe niyumvira izo ngorane zose nisutsemwo, naciye mbona ko abavyeyi banje bavuga ukuri igihe bambwira yuko ‘kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.’”1 Abakorinto 15:33.

Ligaya avuga kandi ati: “Ibintu bitarayangara, nafashe ingingo yo guheba ingeso zanje mbi, ntangura kwiga Bibiliya, ariko ico gihe hoho nkayiga nshira mu ngiro ivyo ivuga.” None vyavuyemwo iki? Vyatumye agarukira umubano wiwe, umugabo wiwe na we atangura kumufatana ubuntu n’icubahiro. Ligaya avuga ati: “Bibiliya yarahinduye ubuzima bwanje, kandi sinicuza kubona narahevye ingeso nahorana n’abitwa ngo ni abagenzi.”

^ ing. 6 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.