Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Honduras

Tuje muri Honduras

HONDURAS ni ijambo ry’igisupanyoli risobanura ngo “ibenga.” Umugabo yubuye ico gihugu ari we Christophe Colomb, bivugwa ko yakoresheje iryo jambo mu kudondora amazi y’Ibahari Atlantike ari ku ruhande rw’ico gihugu. Hari abavuga yuko aho ari ho havuye izina ry’ico gihugu.

Abantu bo muri Honduras barashira imbere cane ukudahemukira umuryango n’ugusenyera ku mugozi umwe. Nk’akarorero, umugabo n’umugore usanga kenshi baja inama mu gufata ingingo zihambaye, nk’ingene bokoresha amahera y’umuryango canke ibijanye n’indero y’abana.

Benshi mu banyagihugu baho bakomotse ku Banyaburaya bavyaranye n’imvukira zaho. N’ubu haracariho imvukira zaho zitavanze, nk’abitwa Chorti. Abandi na bo, nk’akarorero Abagarifuna, bakomotse ku bandi bantu.

Umucuraranzi w’Umugarifuna ariko aravuza ingoma

Abagarifuna bakomotse ku Banyafrika no ku Bahindi ba mbere na mbere bo muri Karayibe baba mw’izinga ryitwa Saint-Vincent. Nko mu 1797, Abagarifuna barashitse mu mazinga yitwa Islas de la Bahía (îles de la Baie). Mu nyuma, baravuye muri ayo mazinga baja kuba mu karere ko ku nkengera y’Ikiyaga Karayibe muri Amerika yo Hagati. Abagarifuna bo muri ako karere ni bo bahavuye bakwiragira mu bindi bice vya Amerika yo Hagati n’iya Ruguru.

Abagarifuna barakunda kwiginagura bajana n’umudiho w’ingoma zikozwe mu biti bikomeye. Mu mico yabo, barakunda no kwambara impuzu kavukire z’amabara akayangana, kwigana inkuru no gufungura imfungurwa zaho, nk’izitwa ereba (uwo ukaba ari umutsima w’imyumbati ubase kandi wagutse w’intimbatimba ntoyi).

Muri Honduras hari amashengero hafi 400 y’Ivyabona vya Yehova. Amakoraniro yabo bayagira mu congereza, mu gishimwa, mu gisupanyoli, mu kigarifuna, mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Honduras, no mu rurimi rwitwa miskito.

Wa mutsima w’imyumbati witwa ereba