Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko ivy’imibano vyifashe

Uko ivy’imibano vyifashe

Igihe ukeneye impanuro zerekeye umubano wo mu rugo, uhora uzironderera he? Bibiliya yoba ari yo iza ubwa mbere canke ubwa nyuma? Gereranya impanuro Bibiliya yatanze kuva kera n’ivyo abahinga baheruka gushikako.

Mu Buhindi

Ibice 61 kw’ijana vy’abakiri bato b’imyaka iri hagati ya 18 na 25 babona ko ubusambanyi “busigaye ari ikintu gisanzwe,” nk’uko bivugwa n’icigwa cagizwe mu 2014. Hari umuganga akorera i Mumbai yabwiye ikinyamakuru kimwe (Hindustan Times) ko ku bwiwe “igihe abakiri bato bariko barondera uwo bakundana bidasobanura ko baba bashaka kwubaka urwabo. Kwaba ari uguhuza ibitsina rimwe gusa, canke biba kenshi, canke naho bakaba babana batanditswe ntibigera biyumvira ivyo kuragana imbere y’amategeko.”

UVYIBAZAKO IKI? Indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka be no kugira intuntu vyoba ahanini biterwa no guhuza ibitsina imbere canke inyuma y’ukwabirana?1 Abakorinto 6:18.

Muri Danemarke

Igihe umuntu yama ashwana n’abo mu muryango wiwe birashobora gutuma apfa hakiri kare. Abahinga bo kuri kaminuza y’i Copenhague baragize itohoza mu myaka irenga 11 ku bantu bashika 10.000 bafise imyaka iri hagati ya 35 na 50. Basanze abakunda gushwana n’incuti zabo bashobora gupfa hakiri kare kuruta abandi. Uwatunganije iryo tohoza avuga ko gutorera umuti ingorane n’amatati “bishobora gufasha cane kwirinda gupfa hakiri kare.”

BIBILIYA IVUGA ITI: “Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.”Imigani 17:27.

Muri Amerika

Icigwa giherutse kugirwa ku bantu 564 baheruka kwubaka urwabo bo muri Louisiane, cerekana ko abantu bishika bagahebana hama bakongera bagasubirana mu gihe c’ukureshanya bishoboka cane ko batandukana mu myaka itanu ya mbere y’umubano wabo. Vyongeye usanga bakunze gushwana kandi badahimbawe.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe [mu mubano], umuntu ntakagitanye.”Matayo 19:6.