Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro

Ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro

TURAKENEYE umuyagankuba n’igitoro kugira dususurutse mu nzu canke tuhakanyishe, kugira dutware umuduga canke dukore ibikorwa bimwebimwe vya misi yose. Ariko hirya no hino kw’isi, abantu barahanzwe n’ikibazo c’umuyagankuba n’igitoro.

Gary wo muri Afrika y’Epfo ahanzwe n’ingorane y’“igitoro kiguma kiduga.” Jennifer wo muri Filipine ahangayikishijwe n’uko ata muyagankuba ukwiye uhari kubera ko “wama wacitse.” Fernando wo muri Salvador na we “arajwe ishinga n’ingene amasôko ntanganguvu agira ingaruka ku bidukikije.” Mu mihingo myinshi, ayo masôko ntanganguvu aratosekaza ibidukikije.

Woshobora guca wibaza uti: ‘Nokora iki ku bijanye n’ingorane z’umuyagankuba n’igitoro?’

Twese turashobora guhitamwo kubikoresha neza. Gukoresha neza igitoro n’umuyagankuba biratugirira akamaro. Dukoresheje bikeyi, turaziganya amahera. Tuba kandi dukingiye ibidukikije kuko bitaba ngombwa ko igitoro n’umuyagankuba vyongerezwa.

Reka turabe ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro muhira, mu kwiyunguruza no mu bikorwa vya misi yose.

MUHIRA

Koresha ibitanga ubushuhe n’ubukanye uziganya. Icigwa cagizwe mu gihugu kimwe c’i Buraya cerekanye ko mu rushana umuntu agabanije dogere zibiri gusa ku cuma gitanga ubushuhe mu nzu, bituma aziganya umuyagankuba mwinshi mu mwaka. Derek wo muri Kanada na we ni ko abibona. Avuga ati: “Kwambara imipira mu mbeho aho kwatsa cane icuma gitanga ubushuhe mu nzu bituma umuryango wacu uziganya umuyagankuba.”

Izo mpanuro zirafasha no mu bihe vy’ubushuhe igihe ushaka gukanyisha mu nzu. Rodolfo wo muri Filipine araregera neza icuma gitanga ubukanye bigatuma kidakora cane. Kubera iki? Avuga ati: “Bituma tuziganya amahera n’umuyagankuba.”

Igihe ususurutsa mu nzu canke uhakanyisha, guma wugaye imiryango n’amadirisha. * Turashobora gukoresha neza umuyagankuba mu kwugara neza amadirisha n’imiryango kugira ngo ubushuhe canke ubukanye ntibisohoke. Nk’akarorero, kuguma wuguruye umuryango mu gihe c’imbeho bituma ukoresha umuyagankuba mwinshi kugira ususurutse mu nzu.

Aho kwugara gusa imiryango n’amadirisha, abantu bamwebamwe baragabanije cane umuyagankuba bakoresha mu gushira mu nzu zabo ibintu bimeze nk’ibirengeti bituma zisusuruka cane be n’amadirisha afasha kuziganya umuyagankuba.

Koresha amarampuru atarya umuyagankuba mwinshi. Jennifer umwe twavuga, agira ati: “Twarahevye amarampuru ya kera, dukoresha ayatarya umuyagankuba cane.” Naho azimvye gatoyi, ntakoresha umucanwa mwinshi, ivyo bikaba bituziganiriza amahera.

KWIYUNGURUZA

Ipakize nimba bishoboka. Andrew wo mu Bwongereza avuga ati: “Igihe cose bishoboka, nja ku kazi na gariyamoshi canke n’ikinga.” Igitabu kimwe cerekana ko “ufatiye ku muntu umwe, imiduga y’abigenga ikoresha igitoro kiruta incuro zitatu igikoreshwa n’amabisi na gariyamoshi zigira ingendo ngufi.”

Tegura ingendo uzofata. Uteguye ingendo imbere y’igihe, hari aho wogabanya zimwezimwe, gutyo ukaba uraziganije igitoro, umwanya n’amahera.

Jethro wo muri Filipine arategekanya igitoro azokoresha ku kwezi. Agira ati: “Ivyo bituma mpanga neza ingendo nzogira.”

IBIKORWA VYA MISI YOSE

Gabanya amazi ashushe ukoresha. Icigwa kimwe cagizwe muri Ostraliya cerekanye yuko “amazi ashushe yo mu mazu atwara igice 1,3 kw’ijana . . . vy’umuyagankuba ibisagara bikoresha, ni ukuvuga ibice 27 kw’ijana vy’umuyagankuba urugo rwose rukoresha.”

Kubera ko gushusha amazi bitwara umuyagankuba, kudakoresha cane amazi ashushe birawuziganya. Ni co gituma Victor wo muri Afrika y’Epfo avuga ati: “Turiko turoga, turirinda gukoresha cane amazi ashushe.” Nk’uko umuhinga yitwa Steven Kenway avyerekana, “kudakoresha cane amazi ashushe biri n’ivyiza bitatu: biraziganya amazi n’umuyagankuba, bikagabaniriza umuzigo abahingura umuyagankuba, bikanatuma ingo . . . ziziganya amahera.”

Bizimye. Ibiki? Amatara, amamashini canke ibindi bikoresha umuyagankuba nka televiziyo canke ordinateri. Ariko ntiwumve, hariho ivyuma biguma bikwega umuriro n’igihe uba wabizimije. Hari abahinga bahanura ko kubicomora canke gukoresha multi-prises ifise aho bazimiriza vyofasha mu kuziganya umuyagankuba. Fernando umwe twavuga, ni ko asigaye abigenza. Avuga ati: “Ndazimya amatara nkacomora n’amamashini igihe ntariko ndayakoresha.”

Hari aho ku giti cacu ata kintu kinini twohindura kw’iduga ry’igitoro n’umuyagankuba canke ngo tubuze ingaruka bigira ku bidukikije, mugabo twoshobora guhitamwo kubikoresha neza. Mu mihingo myinshi, abantu bariko baravyijukira. Gukoresha neza igitoro n’umuyagankuba hari aho vyosaba akigoro no gutegekanya ibintu, ariko harimwo ivyiza. Valeria wo muri Megizike agira ati: “Ndaziganya amahera, ngakingira n’ibidukikije.”

^ ing. 10 Kurikiza neza amategeko y’abakoze ivyo vyuma kugira ubikoreshe neza. Nk’akarorero, hari ivyuma bisaba ko muguma mwuguruye umuryango canke idirisha.