Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izina ry’uruharo ry’Imana mu ndome z’igiheburayo ca kera riraboneka cane mu vyandikano vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe

TWISUNZE BIBILIYA

Izina ry’Imana

Izina ry’Imana

Abantu amamiliyoni basenga Imana bakoresheje amazina y’icubahiro nka Umukama, Uhoraho, Allah canke Imana. Ariko rero Imana irafise izina ryayo ry’uruharo. Woba ukwiye kurikoresha?

Imana yitwa nde?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

 

Abantu benshi bemera ko Imana yitwa Yezu. Abandi bavuga ko bidakenewe ko birirwa barakoresha izina ryayo kubera ko Imana Mushoboravyose ari imwe rudende. Abandi na bo bavuga ko bitabereye kuvuga Imana mw’izina.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Yezu si Imana Mushoboravyose, rero Imana Mushoboravyose ntiyitwa Yezu. Nakare Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga Imana gutya: “Data, izina ryawe niryezwe.” (Luka 11:2) Yezu ubwiwe yasenze Imana ati: “Data, ninahaza izina ryawe.”​Yohani 12:28.

Muri Bibiliya Imana ivuga iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje.” (Yesaya 42:8) “Yehova” ni inyaturo y’ikirundi ivuye muri za ndome zine z’igiheburayo YHWH zigize izina ry’Imana. Iryo zina riboneka nk’incuro 7.000 mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ivyo benshi bita Isezerano rya kera. * Iryo zina ni ryo riboneka kenshi muri Bibiliya gusumba ayandi mazina y’icubahiro nka “Imana,” “Mushoboravyose” canke “Umukama” kandi rikoreshwa cane gusumba ayandi mazina nka Aburahamu, Musa canke Dawidi.

Muri Bibiliya, nta na hamwe Yehova abuza abantu gukoresha izina ryiwe mu buryo buranga icubahiro. Ahubwo Ivyanditswe vyeranda birerekana ko kuva kera abasavyi b’Imana bakoresha izina ryayo ata kwitinya. Baranarishira mu mazina bita abana babo, nka Eliya irisobanura ngo “Imana yanje ni Yehova” na Zekariya risobanura ngo “Yehova yibutse.” Mbere no mu biyago vya misi yose, ntibitinya gukoresha izina ry’Imana.​—Rusi 2:4.

Imana iripfuza ko dukoresha izina ryayo. Duhimirizwa duti: “Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe.” (Zaburi 105:1) Mbere iragirira ubutoni “abiyumvira izina ryiwe.”​—Malaki 3:16.

“Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, Ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18.

Izina ry’Imana risobanura iki?

Abahinga bamwebamwe biyumvira ko mu giheburayo izina Yehova risobanura ngo “Atuma biba.” Ivyo vyerekana ko ubwiwe ashobora gucika ico ashaka canke agatuma ibiremwa vyiwe bicika ico ashaka cose kugira ngo umugambi wiwe uranguke. Nta wundi abereye iryo zina kiretse Umuremyi wacu, we ashoboye vyose.

KUBIMENYA BIGUFASHA IKI?

 

Iyo umenye izina ry’Imana birahindura ukuntu uyibona. Biratuma urushiriza kuyiyegereza. Kanatsinda, wokwiyegereza gute umuntu utazi izina? Kuba rero Imana yaraguhishuriye izina ryayo birerekana ko yipfuza ko uyiyegereza.​—Yakobo 4:8.

Urakwiye kwizigira ko Yehova azokwama agendera izina ryiwe mu kwama ashitsa ivyo agomba. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Abazi izina ryawe bazokwizigira.” (Zaburi 9:10) Uko ugenda uratahura ingene insobanuro y’izina ryiwe ifitaniye isano n’urukundo rwiwe rudahemuka, imbabazi ziwe, impuhwe ziwe n’ubutungane bwiwe ni ko urushiriza kumwizigira. (Kuvayo 34:5-7) Birahumuriza kumenya ko Yehova yama ashitsa ivyo asezerana vyose atarinze guca kubiri na kameremere kiwe.

Kumenya izina ry’Imana Mushoboravyose ni iteka ridasanzwe. Birashobora gutuma wironkera imihezagiro ubu no muri kazoza. Imana isezerana iti: “Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje.”​—Zaburi 91:14.

“Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.”​—Yoweli 2:32.

Izina ry’Imana mu ndimi zitandukanye

^ ing. 9 Muri Bibiliya nyinshi izina ry’Imana barisubirije izina ry’icubahiro “UMUKAMA” mu ndome nkuru. Mu zindi na zo riboneka gusa mu mirongo imwimwe canke mu tujambo tw’epfo. Bibiliya y’isi nshasha yoyo irakoresha cane izina ry’Imana.