Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Indero irayobora abana nka kurya ingafe iyobora ubwato ntibute inzira

ABAVYEYI

6: Indero

6: Indero

ICO BISOBANURA

Irivuga kurera rishobora gusobanura kuyobora canke kwigisha. Hari n’igihe rijamwo gukosora ingeso mbi umwana afise. Ariko rero akenshi, riserura iciyumviro co gutoza umwana indero izomufasha mu buzima.

IGITUMA BIHAMBAYE

Muri iyi myaka ya vuba, indero isa n’iyazimanganye mu ngo zimwezimwe kuko hari abavyeyi batinya gukosora abana babo ngo vyohava bituma bumva ko ata co bamaze. Ariko abavyeyi babona kure barashingira abana babo amategeko atarenza urugero, bakabamenyereza no kuyakurikiza.

“Abana barakeneye gushingirwa akarimbi ntarengwa kugira ngo bakure bafise ico bubaha. Abana badatozwa indero bameze nk’ubwato butagira ingafe, kuko buruhira guta inzira canke mbere bukubama.”​—Pamela.

ICO WOKORA

Ntube mahindagu. Igihe umwana wawe adakurikije amategeko wamushingiye, muhane. Ku rundi ruhande, niwame umukeza igihe cose ayakurikije.

“Ndakunda gukeza abana banje kubona ari abana bagamburuka muri iyi si itagira indero. Kubera ko ndabakeza, biroroha cane iyo hageze ko ndabakosora.”​—Christine.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—Abagalatiya 6:7.

Nturenze urugero. Igihe utoza indero umwana wawe fatira ku myaka yiwe, ivyo ashoboye be n’uburemere bw’ikosa yakoze. Akenshi igihano kiba ngirakamaro iyo gihuye n’ikosa ryakozwe. Nk’akarorero, nimba akoresha nabi telefone, woshobora kugabanya umwanya ayikoresha canke ukayimwaka mu kiringo kanaka. Ariko rero, uririnda kuza urashavuzwa n’akantu kose.

“Ndagerageza kuraba nimba umwana wanje yakoze ikosa nkana canke nimba kamuciyemwo gusa. Ingeso n’ikosa biratandukanye. Ingeso ikwiye kuranduranwa n’imizi, ikosa na ryo rigakosorwa.”​—Wendell.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.”​—Abakolosayi 3:21.

Garagaza urukundo. Abana barakira neza indero batojwe kandi bakayikurikiza igihe baba bazi ko umuvyeyi ayibatoje bivuye ku rukundo.

“Igihe umuhungu wacu yaba akoze amakosa, twaramuhumuriza tukamubwira ko dushima ibintu vyiza vyose yaba yarakoze. Twaramusigurira yuko hamwe yokwikosora, ayo makosa atotuma aboneka nabi kandi ko twari twiteguriye kumufasha.”​—Daniel.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.”​—1 Abakorinto 13:4.