Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni akarorero akahe uriko uraha abana bawe?

ABAVYEYI

8: Akarorero

8: Akarorero

ICO BISOBANURA

Abavyeyi batanga akarorero keza usanga imvugo yabo ijana n’ingiro. Nk’akarorero, hagize uwudodora maze ukabwira umwana wawe ngo “mubwire ko atari ho ndi” biragoye kwitega ko uwo mwana azovugisha ukuri.

“Abantu barakunda kuvuga ngo ‘Umviriza ivyo mvuga nturabe ivyo nkora.’ Ariko ivyo ku bana ntibikora. Abana bameze nk’ikinyuko kinunuza ivyo tuvuga vyose be n’ivyo dukora, kandi igihe cose imvugo yacu itajanye n’ingiro baca babitubwira.”​—David.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Wewe wamamaza ngo: ‘Ntiwibe,’ uriba?”​—Abaroma 2:21.

IGITUMA BIHAMBAYE

Abana bakiri bato, mbere n’imiyabaga, usanga bigana cane abavyeyi babo kuruta uwundi muntu wese, ushizemwo n’urunganwe rwabo. Ivyo bisobanura ko umuvyeyi ari we afata iya mbere mu kwerekeza abana biwe mu nzira nziza, akire gusa kuba akora ibihuye n’ivyo avuga.

“Urashobora kuvuga ikintu incuro n’izindi, ukibaza ko umwana atariko arakwumviriza. Ariko wihenze ugakora igihushane cavyo, umwana aba yakubonye. Abana bararaba cane ivyo ukora mbere n’igihe woba wiyumvira ko ata vyo babona.”​—Nicole.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ubukerebutsi buva hejuru . . . ntibwiyorobeka.”​—Yakobo 3:17.

ICO WOKORA

Niwisuzume. Ni ibiki uhora uraba mu kwisamaza? Ufata gute abana bawe be n’uwo mwubakanye? Ufise abagenzi bameze gute? Woba witwararika abandi? Muri make, woba umeze nk’uko wipfuza ko abana bawe bamera?

“Twe n’umugabo wanje ntiduhatira abana bacu gukora ivyo tudakora.”​—Christine.

Nusabe imbabazi igihe ukoze amakosa. Abana bawe barazi ko udatunganye. Iyo usavye imbabazi, uba uhaye akarorero keza abana bawe be n’uwo mwubakanye mu bijanye no kuvugisha ukuri be no kwicisha bugufi.

“Bishitse tugakora ikosa, abana bacu barakeneye kwumva dusaba imbabazi. Ahandi ho tuba turiko turabigisha kunyegeza amakosa bakora.”​—Robin.

“Twebwe abavyeyi turagira akosho gakomeye ku bana bacu, kandi akarorero dutanga karahambaye cane kuko ari ko baguma baraba. Bama bariko baratwigirako buri musi.”​—Wendell.