Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Woba ufise umwitwarariko?

Woba ufise umwitwarariko?

“Twese turagira umwitwarariko ku rugero kanaka, mugabo jeho urandengeye. Sindawuterwa n’ingorane ikomeye imwe gusa, ariko ndawuterwa n’ibintu vyinshi, ingorane zanje bwite, be n’urugamba rudahera rwo kwitwararika umugabo wanje agize kurwara ku mubiri no mu mutwe.”​—Vyavuzwe na Jill. a

“Umugore yarantaye, nca nsigara nireranye abana babiri. Rwari urugamba kubarera jenyene. N’icaje gisongera isibe, baranyirukanye ku kazi, ndabura n’amahera yo kuriha impapuro z’imodoka yanje. Sinabona ico ndi bukore. Nararengewe n’umwitwarariko. Kubera nari nzi neza ko kwiyahura ari bibi, naciye nsaba Imana ngo inyice bihere biheze.”​—Vyavuzwe na Barry.

Vyoba bishika ukumva urengewe n’umwitwarariko (stress) nk’ukwo kwa Jill na Barry? Nimba bishika, ibiganiro bikurikira birashobora kuguhumuriza no kugufasha. Biraca irya n’ino ibintu bikunze gutuma abantu barengerwa n’umwitwarariko, ingene ugira ico udukozeko be n’ingene twowugabanya.

a Si ko basanzwe bitwa.