Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOGABANYA UMWITWARARIKO

Ni ibiki bitera umwitwarariko?

Ni ibiki bitera umwitwarariko?

Ikigo c’ivy’ubuvuzi kizwi cane citwa Mayo Clinic kigira giti: “Abantu bakuze benshi bavuga ko bafise umwitwarariko urushiriza kwiyongera. Ubuzima bwa kino gihe bwuzuyemwo amahinduka be n’ibishika giturumbuka.” Raba amahinduka n’ibintu bimwebimwe bishobora gutuma umuntu agira umwitwarariko:

  • kwahukana

  • kubura uwawe

  • indwara ikomeye

  • amasanganya akomeye

  • ubugizi bwa nabi

  • ugucurumba muri vyinshi

  • ivyago vy’ivyaduka canke biterwa n’abantu

  • imikazo yo kw’ishure canke ku kazi

  • ingene woronka kandi ukagumana akazi gatunga umuryango