5 Twoba tuzokwigera turuhurirwa?
Igituma bihambaye ko turonka inyishu
Nimba hari imvo yotuma twemera ko imibabaro izohera, nta nkeka ko vyotuma turushiriza gukunda Imana n’ubuzima.
Iyumvire iki kintu:
Abantu benshi boshima gukuraho imibabaro ariko ubushobozi bwabo buri n’aho bugarukira. Nk’akarorero:
Naho ubuhinga mu vy’ubuvuzi bwateye imbere . . .
-
Indwara y’umutima iracahitana abantu benshi kuruta izindi.
-
Kanseri yica abantu amamiliyoni buri mwaka.
-
“Isi iracahanganye n’akaga gaterwa n’indwara zandukira zaba izimara igihe kirekire, iz’ivyaduka be n’izigenda zikongera zikagaruka.”—Vyavuzwe n’umuhinga yitwa David Bloom.
Naho mu bihugu bimwebimwe bateye imbere mu vy’ubutunzi . . .
-
Buri mwaka abana amamiliyoni barapfa, kandi ababa mu turere dukenye ni bo bakunda gukarirwa.
-
Abantu amamiliyaridi ntibagira utuzu twa surwumwe tubereye.
-
Abantu amamiliyoni amajana ntibaronka amazi meza.
Naho abantu benshi bazi ingene bokwubahiriza agateka ka zina muntu . . .
-
Urudandazwa rw’abantu rurabandanya mu bihugu vyinshi kandi ababikora ntibahanwa n’amategeko, kubera ko “abategetsi bataba babizi canke kubera ko badafise ubushobozi bwo kubahana.”—Bivugwa muri raporo imwe ya ONU.
MENYA N’IBINDI
Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
Bibiliya ibivugako iki?
Imana iratubabaye.
Ntiyirengagiza intuntu n’umubabaro tugira.
“[Imana ntiya]suzuguye canke ngo [i]terwe ishishi n’amarushwa y’umurushwa; kandi ntiyamuhishije mu maso [hayo], kandi igihe ya[yi]tabaza yarumvise.”—ZABURI 22:24.
“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”—1 PETERO 5:7.
Imibabaro ntizokwamaho ibihe vyose.
Bibiliya isezerana ko umugambi Imana idufitiye uzoranguka.
“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—IVYAHISHUWE 21:3, 4.
Imana izokuraho ibitera abantu imibabaro.
Ivyo izobikora biciye ku Bwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yayo.
“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. . . . Bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”— DANIYELI 2:44.