Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

5 Twoba tuzokwigera turuhurirwa?

5 Twoba tuzokwigera turuhurirwa?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Nimba hari imvo yotuma twemera ko imibabaro izohera, nta nkeka ko vyotuma turushiriza gukunda Imana n’ubuzima.

Iyumvire iki kintu:

Abantu benshi boshima gukuraho imibabaro ariko ubushobozi bwabo buri n’aho bugarukira. Nk’akarorero:

Naho ubuhinga mu vy’ubuvuzi bwateye imbere . . .

  • Indwara y’umutima iracahitana abantu benshi kuruta izindi.

  • Kanseri yica abantu amamiliyoni buri mwaka.

  • “Isi iracahanganye n’akaga gaterwa n’indwara zandukira zaba izimara igihe kirekire, iz’ivyaduka be n’izigenda zikongera zikagaruka.”​—Vyavuzwe n’umuhinga yitwa David Bloom.

Naho mu bihugu bimwebimwe bateye imbere mu vy’ubutunzi . . .

  • Buri mwaka abana amamiliyoni barapfa, kandi ababa mu turere dukenye ni bo bakunda gukarirwa.

  • Abantu amamiliyaridi ntibagira utuzu twa surwumwe tubereye.

  • Abantu amamiliyoni amajana ntibaronka amazi meza.

Naho abantu benshi bazi ingene bokwubahiriza agateka ka zina muntu . . .

  • Urudandazwa rw’abantu rurabandanya mu bihugu vyinshi kandi ababikora ntibahanwa n’amategeko, kubera ko “abategetsi bataba babizi canke kubera ko badafise ubushobozi bwo kubahana.”​—Bivugwa muri raporo imwe ya ONU.

    MENYA N’IBINDI

    Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana iratubabaye.

Ntiyirengagiza intuntu n’umubabaro tugira.

“[Imana ntiya]suzuguye canke ngo [i]terwe ishishi n’amarushwa y’umurushwa; kandi ntiyamuhishije mu maso [hayo], kandi igihe ya[yi]tabaza yarumvise.”​ZABURI 22:24.

“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”​1 PETERO 5:7.

Imibabaro ntizokwamaho ibihe vyose.

Bibiliya isezerana ko umugambi Imana idufitiye uzoranguka.

“[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​IVYAHISHUWE 21:3, 4.

Imana izokuraho ibitera abantu imibabaro.

Ivyo izobikora biciye ku Bwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yayo.

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. . . . Bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”​DANIYELI 2:44.