Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyogufasha kubaho neza kandi uhimbawe

Ivyogufasha kubaho neza kandi uhimbawe

“Naho mbabazwa n’amabi mbona mw’isi, nk’intambara, ubukene, indwara no guturubika abana, ubu ndafise icizigiro.”​—RANI. *

Rani yararonse agahimbare nyakuri igihe yamenya ko Imana Mushoboravyose ikaba n’Umuremyi wacu ari yo Soko ry’ubumenyi nyakuri. Uko usoma ibiganiro bikurikira, nurabe ingene ivyo itwigisha bishobora kugufasha muri iyi mice:

  • kuronka agahimbare mu rugo

  • kubana amahoro n’abandi

  • kurya bike ukaryama kare

  • gutahura igituma dushikirwa n’ingorane be n’urupfu

  • kugira icizigiro ntakekeranywa ca kazoza

  • kumenya Umuremyi wacu no kuba umugenzi wiwe

Urabona kandi ko Umuremyi wacu atigisha umugwi kanaka w’abantu, ahubwo ko yigisha abavyipfuza bose kandi ku buntu.

^ ing. 2 Abavugwa muri iki kinyamakuru si ko basanzwe bitwa.