Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bucuti ufitaniye n’abandi?

Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bucuti ufitaniye n’abandi?

Naho abantu babiri boba baba kure na kure cane, barashobora kuganira bitagoranye biciye ku kwandikiranira mesaje canke email, biciye kuri bwa buhinga bwo kuganira babonana no ku mbuga hwaniro. Abo baba bakoresha neza ubuhinga bwa none.

Ariko rero, abakoresha gusa ubuhinga bwa none mu kuganira n’abagenzi boshobora kugira ingorane zikurikira:

  • Kutaba bacumvira impuhwe abagenzi babo.

  • Kwihebura no kwumva ata co bamaze.

  • Kwikunda, ntibiyumvire ivy’abandi.

ICO UKWIYE KUMENYA

IMPUHWE

Kugira wumvire impuhwe umuntu, bisaba ko ufata akanya ukazirikana ivyiwe witonze. Ariko ivyo vyokugora igihe uguma wandikiranira amamesaje menshi n’abandi canke uraba ivyo bashize ku mbuga hwaniro.

Iyo uguma wandikiranira amamesaje menshi n’abandi, haragera igihe bikubera urugamba kwishura mesaje urungikiwe n’umugenzi. Usigara gusa ubona ko ico wokora ari ukwishura amamesaje yose ufise, aho gufasha umugenzi yoba ari mu nkenero.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Igihe urungikira amamesaje abagenzi bawe, woshobora gute kubagaragariza “impuhwe”?​—1 PETERO 3:8.

KWIHEBURA

Abahinga basanze abantu benshi baca bumva bihebuye iyo bamaze umwanya munini ku mbuga hwaniro. Abo bahinga basanze iyo umuntu aravye amafoto abandi baba bashize kuri izo mbuga, bituma “asigara yumva ko yataye umwanya.”

Vyongeye, kuraba amafoto mezameza abandi baba bashize ku mbuga hwaniro birashobora gutuma umuntu yisuzugura. Nkako, yoshobora kwumva umenga abandi bose bama bariko bariryohera, ariko akabona ko wewe ata kigenda.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Igihe ukoresha imbuga hwaniro, wokora iki kugira wirinde kwigereranya n’abandi?​—ABAGALATIYA 6:4.

KWIKUNDA

Umwigisha umwe yavuze ko bamwebamwe mu banyeshure yigisha barangwa n’ubwikunzi, bakama barondera gusa abagenzi bobafasha. * Mwene ubwo bugenzi buba bushingiye ku co nya muntu abwungukirako gusa. Yoshobora gusigara abona abagenzi biwe nka telefone canke orodinateri yatsa canke akazimya bivanye n’ivyo akeneye.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Ivyo ushira ku mbuga hwaniro vyoba vyerekana ko ufise agatima ko guhiganwa canke ko wiyumvira ivyawe gusa?​—ABAGALATIYA 5:26.

ICO WOKORA

NUSUZUME UKUNTU UKORESHA UBUHINGA BWA NONE

Niwitwararika gukoresha neza ubuhinga bwa none, buzogufasha kuguma uhanahana amakuru n’abagenzi, bitume n’ubucuti mufitaniye burushiriza gukomera.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 ABAKORINTO 13:4, 5.

Nuhitemwo ivyiyumviro woshima gushira mu ngiro canke wandike ibindi ubona bibereye.

  • Kwihatira kuza urayaga n’abantu imbonankubone (aho gukoresha ubuhinga bwa none)

  • Gushira ku ruhande telefone (canke kuyikuramwo ijwi) igihe uriko uraganira n’abantu

  • Kugabanya umwanya umara uriko uraraba ibiri ku mbuga hwaniro

  • Kuba umuntu yumviriza neza

  • Kuyagisha umugenzi ariko araca mu bihe bigoye

^ ing. 17 Vyakuwe mu gitabu Reclaiming Conversation.