Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?

Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?

Woba ubona umenga ingorane ziri kw’isi ziriko zirakugirako ingaruka kuruta ikindi gihe cose? Hoba hari na kimwe muri ibi bikurikira kiriko kiragushikira aho ubaye?

  • intambara

  • indwara z’ibiza

  • ibiza n’isibe

  • ubukene

  • ukwinubana

  • ubugizi bwa nabi

Iyo ingorane zadutse, benshi mu bo zashikiye baravunika umutima bakihebura. Abantu benshi iyo bashikiwe n’ivyago baratimba. Ariko rero iyo umuntu ashikiwe n’icago, kumara igihe avunitse umutima kandi atimvye bituma ibintu vyunyuka.

Mu bihe vy’ingorane, utegerezwa kugira ico ukoze ata gufyina kugira ukingire abawe, amagara yawe, akazi n’agahimbare.

None wokora iki kugira ugabanye ingaruka ingorane ziri kw’isi zikugirako?