ISI YUZUYEMWO INGORANE
3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi
IGITUMA BIHAMBAYE
Uko abantu barushiriza guhagarika umutima kubera ingorane ziri mw’isi, ni ko benshi bareka ubucuti bafitaniye n’abandi bukahabonera batabiciye n’ikanda.
-
Abantu barigungira ukwa bonyene bagaheba abagenzi.
-
Abafata nabi abo bubakanye bararushiriza kwiyongera.
-
Abavyeyi usanga bitaho buhoro ibibazo vy’abana babo canke ntibavyiteho namba.
Ico ukwiye kumenya
-
Kugira abagenzi birahambaye kuko bituma tugira amagara meza kandi tugatekana, canecane mu bihe vy’ingorane.
-
Gushuha umutwe bivuye ku ngorane zo muri ino si birashobora gutera ingorane umuryango wawe mu buryo utari witeze.
-
Amakuru adahumuriza arashobora gutera ubwoba abana bawe kuruta uko uvyibaza.
Ico wokora ubu
Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.
Niwiyumvire umuntu yogufasha kandi ashobora kuguha impanuro nziza. Kumenya gusa ko hari uwukwitwararika birashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kwihanganira ingorane za buri musi.