Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ISI YUZUYEMWO INGORANE

3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi

3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi

IGITUMA BIHAMBAYE

Uko abantu barushiriza guhagarika umutima kubera ingorane ziri mw’isi, ni ko benshi bareka ubucuti bafitaniye n’abandi bukahabonera batabiciye n’ikanda.

  • Abantu barigungira ukwa bonyene bagaheba abagenzi.

  • Abafata nabi abo bubakanye bararushiriza kwiyongera.

  • Abavyeyi usanga bitaho buhoro ibibazo vy’abana babo canke ntibavyiteho namba.

Ico ukwiye kumenya

  • Kugira abagenzi birahambaye kuko bituma tugira amagara meza kandi tugatekana, canecane mu bihe vy’ingorane.

  • Gushuha umutwe bivuye ku ngorane zo muri ino si birashobora gutera ingorane umuryango wawe mu buryo utari witeze.

  • Amakuru adahumuriza arashobora gutera ubwoba abana bawe kuruta uko uvyibaza.

Ico wokora ubu

Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

Niwiyumvire umuntu yogufasha kandi ashobora kuguha impanuro nziza. Kumenya gusa ko hari uwukwitwararika birashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo kwihanganira ingorane za buri musi.