Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

IKI ni igitabu c’inkuru z’ivyabaye. Zavuye muri Bibiliya, igitabu kiruta ibindi vyose kw isi. Izo nkuru zikwigānira ivyabaye kuva Imana itanguye kurema gushika muri iki gihe turimwo. Mbere kiranakwigānira n’ivyo Imana yaraganiye abantu kuzobagirira mu misi izoza.

Iki gitabu kiragufasha kumenya ibiri muri Bibiliya nka vyose. Cigāna abantu bavugwa muri Bibiliya hamwe n’ivyo bākoze. Kimenyekanisha kandi icizigiro c’agatangaza Imana yahaye abantu, co kuba mw iparadizo imyaka yose ngaha kw isi.

Kirimwo inkuru 116, zigabuwemwo ibice umunani. Ku rupapuro rutangura igice kimwe kimwe, hari incamake y’ibiri muri ico gice cose. Izo nkuru zikurikirana nk’uko ivyo zivuga vyāgiye biraba. Ivyo rero bigufasha kumenya igihe inkuru imwe imwe yabereye uyigereranije n’izindi.

Izo nkuru zīgānwa mu mvugo isanzwe. Benshi muri mwebwe abana, muzoshobora kuzīsomera. Namwe bavyeyi, muzosanga abana banyu bakiri bato rwose, baryoherwa n’uko mwoza murazibasomera kenshi. Iki gitabu muzosanga kirimwo vyinshi biryohera abana n’abakuze.

Ivyanditswe vya Bibiliya biri ku mpera y’inkuru imwe imwe. Turagusavye ngo ubisome, ni vyo izo nkuru zavuyemwo.