Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 2

Itongo ry’Akaroruhore

Itongo ry’Akaroruhore

ITEGEREZE iyi si! Ikihari cose ni ciza cane! Rāba ivyo vyatsi, ivyo biti, ayo mashurwe n’ivyo bikōko. Woshobora kumenya inzovu n’intare ngaha?

Iryo tongo ryiza cane ryābayeho gute? Reka turabe ingene Imana yaduteguriye isi.

Ubwa mbere na mbere, yabanje kumeresha ivyatsi kw isi yose. Yaremye kandi ibimera vy’ubwoko bwose, ibisaka hamwe n’ibiti. Ibimera nk’ivyo, na vyo nyene bituma isi iryohera ijisho. Ariko biri n’ikindi kimazi. Vyinshi muri ivyo biraduha n’imfungurwa ziryoshe cane.

Munyuma Imana irema ifi kugira ngo zigendagende mu mazi, inyoni na zo ngo ziguruke mu kirere. Yaremye imbwa, ubuyabu n’amafarasi; ibikōko binini binini n’ibindi bito bito. Ni ibikōko ibihe biba hafi y’iwanyu? Ntitwohimbarwa n’uko Imana yaturemeye ivyo vyose?

Hanyuma irāba ahantu hamwe kw isi iraharinganiza rwose, ica ihīta itongo ry’i Edeni. Hāri hēza cane. Icari muri iryo tongo cose cari gihimbaye. Yashaka ko isi yose ihinduka ikamera nk’iryo tongo ry’agatangaza.

Subira urirābe kuri iki gishushanyo. Urazi ico Imana yabonye ko kibuze? Reka tukirabe.