Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 3

Umugabo n’Umugore ba Mbere

Umugabo n’Umugore ba Mbere

NI IGIKI gitandukanije iki gishusho n’ivyo wamaze kubona? Ni abantu. Ni umugabo n’umugore ba mbere. Bāremwe na nde? N’Imana. Urazi izina ryayo? Ni Yehova. Uwo mugabo n’uyo mugore bāhavuye bitwa Adamu na Eva.

Uku ni ko Yehova yaremye Adamu. Yafashe umukungugu, awuhinguramwo umubiri utagira akanenge, umubiri w’umugabo. Ahejeje ahūha mu mazuru y’uwo mugabo, Adamu aca atangura kubaho.

Imana Yehova yari ifise akazi Adamu yokoze: kwita amazina ibikōko vyose. Ngira ngo Adamu yabanje kuvyihweza igihe kirekire, kugira ngo vyose ashobore kubitorera amazina abibereye. Igihe yariko aravyita amazina, hari ico yabonye. Urazi ico ari co?

Ibikōko vyose vyari bifise bigenzi vyavyo. Hāriho inzovu y’ingabo n’inzovu y’ingore, intare y’ingabo n’intare y’ingore. Ariko Adamu nta mugenzi afise. Yehova aca aramusinziriza rwose, amukuramwo urubavu rumwe. Urwo rubavu aruhinguramwo umugore, aca aba umugore wa Adamu.

Ese ukuntu Adamu yaciye ahimbarwa! Iyumvīre kandi ukuntu Eva yahimbawe n’uko ashizwe mw’itongo ryiza nk’iryo ngo aribemwo! Bāri gushobora kuvyara abana, kandi bakabana mu gahimbare.

Yehova yashaka ko Adamu na Eva babaho imyaka yose. Yashaka ko isi yose bayisukura, ikaba nziza nk’iryo tongo ry’i Edeni. Ese ukuntu bānezerwa igihe bīyumvīra ico gikorwa! Nawe woshima gukora kugira ngo isi ihinduke itongo ry’akaroruhore? Ariko umunezero wabo wamaze akanya gato. Reka turabe igituma.