Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 4

Igituma Birukanywe

Igituma Birukanywe

EHE RABA ibibaye. Adamu na Eva barirukanywe muri rya tongo ry’akaroruhore ry’i Edeni. Urazi igituma?

Ni uko bakoze nabi cane, Yehova aca arabahana. Urazi ikibi bakoze?

Bakoze ico Imana yababujije. Yari yababariye ko barya ivyama ku biti biri mw itongo. Ariko ivyama ku giti kimwe, yari yababujuje kubirya, babiriye bociye bapfa. Ico giti yari yakigize icayo bwite. Natwe turazi ko ari bibi gutwara ikintu c’uwundi, si ko? Vyagenze gute none?

Umusi umwe Eva yari mw itongo wenyene, inzoka ivugana na we. igitangaza! Yabwiye Eva ngo arye ivyama kuri ca giti Imana yababuza kurya. Igihe Yehova yarema inzoka, ntiyazihaye ubushobozi bwo kuvuga. Hariho rero ikintu catumye iyo nzoka ivuga. Cari igiki?

Ntiyari Adamu. Ategerezwa rero kuba yari umwe mu bo Yehova yari yararemye imbere y’uko arema isi. Bari abamarayika. Ntidushobora kubabona. Uyo mumarayika yahavuye yishīma rwose, atangura kwiyumvīra ko na we yoshobora kuganza nk’Imana. Yashaka ko abantu bumvira we bakareka kwumvira Yehova. Ni uyo rero yatumye inzoka ivuga.

Yarashoboye guhenda Eva. Igihe amubwiriye ko ni yarya nya camwa azoca amera nk’Imana, Eva yaravyemeye arakirya; na Adamu nyene ararya. Bāgābiye Imana, ni co gituma bakuwe mw itongo ry’akaroruhore bārimwo.

Umusi umwe Imana izofasha abantu guhindura isi yose, imere nk’iryo tongo ry’i Edeni. Munyuma turaza kwiga uburyo nawe wofashanya n’abandi kuyihindura. Ubu turabe ivyashikiye Adama na Eva.