Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 6

Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi

Umwana Mwiza n’Uwundi Mubi

RABA rero Kayini na Abeli. Bose baramaze gukura. Kayini ni umurimyi w’ubuheke, ivyamwa n’imboga.

Abeli ni umwungere w’intama. Akunda kuragira imyagazi yazo. Iyo myagazi irakura ikaba intama zikuze, agaca aronka ubusho bwo kuragira.

Umusi umwe, Kayini na Abeli bazanira Imana amashikanwa. Kayini ashikana ivyimburano, Abeli na we ashikana intama nziza cane yari atunze. Yehova ashima Abeli hamwe n’ishikanwa ryiwe. Urazi igituma?

Si ukubera ko ishikanwa rya Abeli ryari ryiza kurusha irya Kayini gusa. Ni uko Abeli yari umwana mwiza. Yarakunda Yehova hamwe n’abavukanyi biwe. Ariko Kayini yari umwana mubi, ntiyakunda abavandimwe.

Ni co gituma Imana yamubwiye ko ata iyo ngeso, ariko ntiyumva. Arashavura cane kubera ko Imana ikunze Abeli kuruta we. Aca abwira Abeli ati: ‘Ingo tuje mu mirima.’ Bashitseyo ari babiri gusa, atangura gukubita mwenewabo Abeli. Aramukubita cane gushika amwishe. Kayini yakoze ikibi kinini, si ko?

N’aho Abeli yapfuye, Imana iracamwibuka. Abeli yari intungane, Imana na yo ntiyigera yibagira umuntu nk’uyo. Umusi umwe Yehova azomuzura. Ico gihe, Abeli ntazosubira gupfa namba. Azobaho imyaka yose ngaha kw isi. Ntibizoba ari vyiza kumenyana n’abantu nka Abeli? Ariko Imana ntishima abantu bameze nka Kayini. Amaze kwica murumunawe, iramuhana imwomorera kure, imuca mu b’iwabo. Igihe yomoka yomokanye n’umwe muri bashikiwe, aramwabīra aba umugore wiwe. Hashize igihe, Kayini n’umugore wiwe batangura kuvyara abana. Abandi bahungu n’abakobwa ba Adamu barabīrana, na bo nyene bavyara abana. Isi ntiyatevye kwuzura abantu. Reka twige ivyerekeye bamwe bamwe muri bo.