Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 10

Isegenya y’Isi Yose

Isegenya y’Isi Yose

ABATARI mu bwato, babandanije gukora ivyo bari basanzwe bakora. Bagumye banka kwemera ko isegenya izoza, mbere baranatwenga kurusha uko bahora. Ariko hashize akanya, agatwengo karahera.

Baza babona amazi atanguye guseseka. Yacuncubuka ava mu kirere, nk’uko umuntu yosesa amazi ari mu mubindi. Nowa ntiyari yabeshe! Ariko ntivyari bishoboka ko hagira uwundi muntu n’umwe yinjira mu bwato. Yehova yari yugaye urugi ararugumya.

Hashize akanya ibiyaya vyuzura amazi. Araba menshi amera nk’uruzi runini. Yarasitura ibiti agatembagaza n’amabuye manini manini, kandi agasama rwose. Abantu baragira ubwoba badūga ku dusozi. Yoo! Iyo bamenya bakwumviriza Nowa bakinjira mu bwato umuryango ucuguruye! Noneho ubu kabaye!

Amazi abandanya kuba menshi. Aguma acuncubuka mu kirere imisi 40 n’amajoro 40. Aba umurengera gushika aho amira imisozi, bidatevye arengera n’imisozi miremire cane. Nk’uko Imana yari yabivuze, abantu n’ibikoko bitari mu bwato vyose birapfa. Ariko icari cinjiye cose cari mu mahoro.

Nowa n’abahungu biwe bari bāgize neza babāza ubwo bwato. Amazi yarabuterura, na bwo bukareremba hejuru kuri yo. Imvura imaze guhita, izuba rica riraka. Ee, igitangaza! Hāri ikiyaga kimwe gikwiye hose. Ubwato gusa ni bwo bwaboneka buriko bureremba ku mazi.

Vya bihangange birapfa. Ntivyasubiye kugirira nabi abantu. Ba nyina bavyo hamwe n’abandi bantu babi bose barapfa. Ba se bo bite?

Ntibari abantu basanzwe nk’uku kwacu. Bari abamarayika būrurutse baza kuba kw isi nk’abantu. Igihe iyo segenya yatera ntibapfuye nk’abandi bantu. Biyambuye umubiri nk’uw’abantu bari biyambitse, basubira mw ijuru ari abamarayika. Ariko Imana ntiyabaretse ngo babandanye kubana n’abamarayika bayo. Baca rero baba abamarayika ba Shetani. Bibiliya ibita abadayimoni (amashetani).

Hanyuma Imana izana umuyaga mwinshi, amazi y’isegenya atangura kugabanuka. Hashize amezi atanu, ubwato bwicara mu mpinga y’umusozi. Iyindi misi myinshi iheze, abari mu bwato baraba hanze, babona amasonga y’imisozi. Amazi abandanya kugabanuka.

Nowa arekura igikona kiva mu bwato. Caraguruka kikagaruka, kubera ko kitagira aho kigwa. Kibandanya kugira gutyo. Ico gihe caza kiragaruka, cagwa hejuru ku bwato.

Nowa yashaka kumenya ko amazi yakamye, munyuma arekura inuma iva mu bwato. Na yo nyene iragaruka, kubera ko itaronse aho igwa. Nowa arayirekura kandi, igaruka ifise akababi k’umwelayo mu kanwa, aca aramenya ko amazi yagabanutse. Arayirekura ubugira gatatu, irateba iraronka ahūmutse yoshobora kuba.

Imana ica ibwira Nowa iti: ‘Sohoka mu bwato, usohokane n’abawe bose hamwe n’ibikōko.’ Bari barengeje umwaka wose bari mu bwato. Turashobora kwiyumvīra ukuntu banezerewe igihe bāsubīra kubona hanze, kandi bakaba batapfuye!