Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 13

Aburahamu—Umukunzi w’Imana

Aburahamu—Umukunzi w’Imana

AHANTU hamwe abantu bāgerereye hanyuma y’umwuzure hitwa Uri. Haratevye haba igisagara gihambaye kirimwo amazu meza meza. Ariko abāhaba bāsenga Imana zitari zo. N’abāba i Babiloni ni uko nyene bāgira. Abāba i Uri n’i Babiloni ntibakunda Nowa n’umuhungu wiwe Shemu bāgumye bakorera Yehova.

Hashize imyaka 350 isegenya ikamye, wa mwizigirwa Nowa arapfa. Haciye imyaka ibiri gusa, uyu muntu ubona ngaha aca aravuka. Yari umuntu atameze nk’abandi mu maso y’Imana. Yitwa Aburahamu. Yabana n’umuryango wiwe muri ca gisagara citwa Uri.

Umusi umwe Yehova amubwira ati: ‘Tekera uve i Uri hamwe n’incuti zawe, wimukire mu gihugu nzokwereka.’ None Aburahamu yaragamburutse araheba amaraha yari i Uri? Egome. Kubera ko imisi yose yama agamburukira Imana, yahavuye yitwa umukunzi w’Imana.

Igihe yava i Uri, yimukanye na bamwe bamwe mu muryango wiwe. Nka se Tera, mwishwawe Loti, eka birumvikana ko n’umugore wiwe Sara atasigaye. Hashize imisi bashika ahantu hitwa Harani, ni ho se Tera yaguye. Hāri kure cane y’i Uri.

Hashize imisi mikeyi Aburahamu n’abiwe bava i Harani, baja mu gihugu citwa Kanani. Ni ho Yehova yavuga ati: ‘Iki ni co gihugu nzoha abana bawe.’ Aburahamu aguma i Kanani aba mu mahema.

Imana itangura kumufasha gushika aho ateba akaronka ubusho bwinshi bw’intama n’ibindi bitungwa, hamwe n’abasuku amajana n’amajana. Ariko bo na Sara nta mwana n’umwe bari bafise.

Aburahamu amaze imyaka 99, Yehova avuga ati: ‘Ndakuraganiye ko uzoba se w’amahanga menshi.’ None ivyo vyoshobotse bite kandi bari bashaje batagishobora kuvyara umwana?