Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 14

Imana Igerageza Aburahamu

Imana Igerageza Aburahamu

URASHOBORA kumenya ico Aburahamu ariko arakora ngaha? Afise igisu, kandi asa n’uko agomba kwica umwana wiwe. Ni kuki ashaka gukora ivyo? Reka tubanze turabe ingene Aburahamu na Sara bāronse uwo mwana.

Ibuka ko Imana yabaraganiye ko bovyaye umwana. Ariko ivyo vyasa n’ibidashoboka kubera ko bari bashaje cane. Mugabo Aburahamu yaremera ko Imana ishobora kugira ibisa n’ibidashoboka. Hābaye iki none?

Umwaka waraheze Imana imaze gutanga iyo nsezerano. Aburahamu amaze imyaka 100 Sara na we 90, baronka umwana w’umuhungu yitwa Isaka. Imana yarashikije insezerano yayo!

Isaka amaze gukura, Yehova agerageza ukwizera kwa Aburahamu. Arahamagara ati: ‘Aburahamu!’ Na we ati: ‘Sabwe!’ ati ‘fata umwana wawe, uwo mwana umwe Isaka, uduge ku musozi nza kukwereka, ushitseyo umwice, umumperezeko inkuka.’

Ese ukuntu ayo majambo yababaje Aburahamu, kubera ko yakunda cane umwana wiwe. Ibuka kandi ko Imana yari yasezeranye ko abana biwe bobaye mu gihugu c’i Kanani. Isaka apfuye vyogenze gute none? Aburahamu ntiyabitegeye, ariko apfa kugamburuka.

Ashitse kuri nya musozi, afata Isaka aramuboha, amuryamika ku ruhimbi yari yubatse. Aca asokorora inkota kugira ngo amwice. Ako kanya umumarayika w’Imana arasemerera ati: ‘Aburahamu, Aburahamu!’ Na we ati: ‘Sabwe!’

‘Ntihagire ico ugira umwana wawe. Ubu ndabonye ko unyizeye kuko utanyimye umwana wawe, umwana wawe w’ikinege.’

Aburahamu yarizera Imana bimwe vy’agatangaza! Yaremera ko ata na kimwe gishobora kunanira Yehova mbere ko yoshoboye no kuzura Isaka mu bapfuye. Mu vy’ukuri Imana ntiyashaka ko Aburahamu yica Isaka. Ica ituma intama ifatwa mu gisaka cari hafi y’aho. Imubwira ko ayitangako inkuka mu kibanza c’umwana wiwe.