Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU YA 15

Muka Loti Arāba Inyuma

Muka Loti Arāba Inyuma

LOTI n’abiwe bābana na Aburahamu mu gihugu c’i Kanani. Umusi umwe Aburahamu abwira Loti ati: ‘Aha nta kibanza gikwiye kiriho co kuragiramwo ibitungwa vyacu. Ingo rero dutandukane, ni waja mu kuboko kumwe nanje nja mu kundi.’

Loti aritegereza ico gihugu, abona ahantu hamwe heza cane, hari amazi n’ubwatsi bwiza kandi bwinshi bwo kuragiramwo ibitungwa vyiwe. Hāri mu ntara ya Yorodani. Loti aca yimukana n’abiwe hamwe n’ubusho bwiwe aja kugerēra mu gisagara citwa Sodoma.

Abantu baho bari babi cane. Bārababaza Loti kubera ko yari umuntu mwiza. N’Imana nyene bārayibabaza. Munyuma, Imana ituma abamarayika babiri kubūrira Loti ko iri hafi gutikiza Sodoma n’ikindi gisagara cari hafi citwa Gomora, kubera ibibi bakora.

Abo bamarayika babwira Loti bati: ‘Fata umugore n’abakobwa bawe babiri n’ingoga, muve aha hantu!’ Babanza gutebagana, nya bamarayika baca babafata ukuboko babakura mu gisagara. Umwe muri bo ati: ‘Ni muhunge mwikize! Ntimurabe inyuma. Ni muhungire muri irya misozi, kugira ngo ntimutikire.’

Loti n’abakobwa biwe baragamburuka, barahunga bava i Sodoma. Ntibīgeze bahagarara canke ngo barabe inyuma. Muka Loti we ntiyagamburutse. Begeye imbere gato, arahagarara arāba inyuma, aca acika inkingi y’umunyu.

Ivyo birashobora kuduha impanuro nziza. Bitwigisha ko Imana ikiza abayigamburukira, ariko abayigambararira bo bazopfa.